Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
José Mourinho yoba agira asubire kumenyereza umurwi Chelsea - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > José Mourinho yoba agira asubire kumenyereza umurwi Chelsea

José Mourinho yoba agira asubire kumenyereza umurwi Chelsea

samedi 4 Rusama 2013

Ikimenyeshamakuru co mu gihugu c’Ubwongereza « The Sun » kimenyesha ko umumenyereza José Mourinho ashobora kuba agira asubire mu murwi wa Chelsea.
Vyari bimaze imisi binuganugwa, ariko ubu bisa n’ivyagiye ahabona.

Ico kinyamakuru « The Sun » co mu bwongereza kivuga ko uwo yahora amenyereza umurwi wo muri Espagne, Reaal Madrid, José Mourinho, azotangura kumenyereza umurwi Chelsea mw’ikina(saison) buca dutangura.

Uwo muhinga aturuka mu gihugu ca Portugal yoba yavyemeye aho yari yatumiwe gufungura mu buriro bwo mu gisagara ca Londres, abisabwe na Roman Abramovitch. Ikinyamakuru « The Sun » ntigitomora ikiringo ayo masezerano azomara, ariko ico bavuga n’uko Mourinho azohembwa amahera angana imiliyoni 10 yo muri ico gihugu c’Ubwongereza ku mwaka, akaba angana n’imiliyoni 11,85 z’amanyaburaya ku mwaka.

Ico kinyamakuru kibandanya kivuga ko Mourinho agarutse mu ruhongore rwiwe, akaba arindiranwe igishika cinshi mu kibuga ca Stamford Bridge, yakoreyemwo ibikora inka kuva muri Mukakaro 2004 gushika muri Nyakanga 2007, ahakura intsinzi akatari gake harimwo igikombe c’ihiganwa ryo muri ico gihugu incuro zibiri(2005-2006), ibikombe bibiri vyo mw’ihiganwa ry’abanyaburaya(2005-2007), n’iyindi ntsinzi yo mu mwaka w’2007.

Iyo nkuru ikaba izoshirwa ahabona na Mourinho n’umurwi Chelsea inyuma y’igenekerezo rya 1 Mukakaro.

Ababikurikiranira hafi mbere bivugira bati" Mu mutima wa Mourinho, hari umugore wiwe, abana biwe, maze inyuma y’ivyo nta kindi kimuraje ishinga atari umurwi Chelsea. » Ivyo vyasiguwe n’umukinyi Wesley Sneijder, yahoze amenyerezwa na Mourinho mu murwi wa Inter de Milan wo mu gihugu c’Ubutaliyano. Mourinho yamye yerekena icipfuzo ciwe co gusubira mu gihugu c’Ubwongereza mu murwi wa Chelsea, kuko no mu biyago vyiwe kenshi ata kindi agarukako atari ihiganwa ryo mu bwongereza n’umurwi Chelsea.

Mourinho akaba yizeye ko Roman Abramovitch azomworohereza ku bakinyi azoba akeneye ko bagura ngo baze gukinira umurwi wa Chelsea. Amazina amaze kunuganugwa ko ashobora kuronderwa ni Radamel Falcao (Atletico Madrid), Robert Lewandowski (Borussia Dortmund), Andre Schurrle (Bayer Leverkusen) et Marouane Fellaini (Everton).


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.