Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Justin Street yishwe n’umuti bamuteye ku gihimba c’irondoka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Justin Street yishwe n’umuti bamuteye ku gihimba c’irondoka

Justin Street yishwe n’umuti bamuteye ku gihimba c’irondoka

vendredi 25 Gitugutu 2013

Justin Street afise imyaka 34, yagiye kwa Kasia Rivera igenekerezo rya 5 Rusama amutera umuti wa silicone, kugira igihimba cirondoka ciwe kibe kinini. Uwo mufyitirizi yarasanzwe abikorera muhira ku mahera make.

Justin Street yaraye apfuye kubera igihimba cirondoka ciwe cahavuye kiziba, umuhinga mu vy’amategeko, avuga ko yishwe n’uko bamuteye silicone. Kasia Rivera yahagaritswe yagirizwa ubwicanyi atabugombe, hamwe n’ugukorera mu kinyegero ivy’ubuvuzi kandi si we wa mbere yigize umuganga. Mu mwaka ushize, hari umwigeme yigize umuganga, afata umuti w’ubumara awutera abagore 6 ku bihimba vy’inyuma, ari na ko kubihutisha kuja kwibagisha bivuye k’ubuhinga buke afise muri ako kazi.

Ntamwanya uheze Oneal Ron Morris, aciriwe umunyororo w’umwaka kubera yatera isima, ishashara, amavuta, eka n’iyindi miti ku bihimba vy’inyuma no ku matama.

Umuhisi Justin Street ari kumwe n'umukenyezi wiwe n'umwana wabo

Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.