IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Juvent NDUWIMANA yajanywe mw’ibohero rikuru rya MPIMBA

Juvent NDUWIMANA yajanywe mw’ibohero rikuru rya MPIMBA

vendredi 10 Ndamukiza 2015, par Egide N

Juvent NDUWIMANA ari mu biyemereye ko ari mu bishe ababikira b’abatariyano, yangururijwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, akaba ariho apfungiwe kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa kane.

Mu gatondo ko kuri uwu wa kane, amakuru ikinyamakuru IGIHE cari caronse yavuga ko Juvent NDUWIMANA yakuwe mu giporisi aho yari apfungiwe, aca ajanwa mu nzira z’ibarabara riduga mu Buraruko bw’igihugu, acishijwe mu Kamenge.
Ku muhingamo wo kuri uwu wa kane niho twaronka amakuru avuga ko Juvent NDUWIMANA yinjijwe ibohero rikuru rya MPIMBA, akaba yashikiye mu kibanza aho mw’ibohero rikuru rya Mpimba batazira muri "Safisha", hakaba ari ahantu abanyororo benshi bashikirira imbere y’uko bashirwa muma "Quartiers". Amakuru dukura mw’ibohero rikuru rya Mpimba avuga ko gushika mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu uwo Juvent NDUWIMANA yari akiri muri ico kibanza.

Juvent NDUWIMANA akaba yaheruka kuvugira mu gihugu ca Somaliya iyo yari kumwe n’abasirikare bagiye kugarukana amahoro muri AMISOM, ko imbere y’uko akoreshwa mu kugandagura ababikira Olga, Lucia na Bernadette ababikira batatu b’abatariyanokazi, ko yamye akoreshwa mu bindi bikorwa yita ama "Missions", nk’iyo hari nk’ibikorwa vy’ubwicanyi bakaba bamwikorako. Mu bakunda kumutumako bamuha ivyo bikorwa akavuga Général Adolphe Nshimirimana, hamwe na Général Ndirakobuca Gervais batazira "Ndakugarika". Amwe muri ayo mazina nyene yagumye agaruka mu bateguye ubwo bwicanyi, bwahitanye abo babikira batatu.

Juvent NDUWIMANA avuze ko bamwe mu bihangange mu giporisi n’igendereza bari mu bafashije mw’iyicwa ry’abo babikira, akaba yaciye akurwa muri Somaliya ubutaraririye, umukuru w’ishirahamwe APRODH Petero Karaveri Mbonimpa, akamenyesha ko hari n’irementanya ry’uguhinduza Juvent NDUWIMANA ivyo yiyemereye, bikegekwa kubari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike ryari ryatanguye, aho yaguma agenderwa n’abantu batari bake, mbere hakagirwa n’utunama tujanye n’uguhinduza ivyo uwo Juvent yari yavuze akiri muri Somaliya.


Egide Nduwimana

Messages

  • uwo ni gahanga wishwe niki

  • Yooo!! Ariko Abakozi B ’imana Bagiye Guhumira Ababishe Ni Turindire Burya Nivyo Bisongerezi Bizoteba Vyivuga.

  • RURIYE ABANDI RUTAGWIBAGIYE:PETER ;ADOLPHE NABANDI MWIJURU NIHEZA MUMURIRO NAMARIRA!

  • ahaaa nukuri ivyontibitangaje kuko irementanya arigikogwa cabo pe iconzico#ahimbwazarigatiyamarasoyanaboti nihozizorigatira nayabo# buroca

  • Bamwe baremera ko bicanye kandi ko bitegura kwica, abandi nabo bakavuga ko bazomenyesha amakungu ngo abatabare........mwese muri seriye kabisa burya koko ngo ari bumeneke ntarara!!!

  • juvent NIBAZE KO BAKUBESHEYE KUKO IVYO NTAVYO WOKORA

  • reka dusenge kumbure imana yoba igikunda uburundi!Jewe namye ndabe film yaho baterera daniel mugobo rwintambwe ariko ntizimurye!Nukuvuga ko imana yamukunda!Bishoboke ko natw idukunda!Hakuru dusenge!!

  • NONE JUVENT NDUWIMANA NTABANDI AVUGA KO BAFASHANIJE MURI UBWO BWICANYI?NIYUMVIRA KO ASHOBORA N’UKWIBESHERA BIVANYE N’UGUSHIMA AGAFARANGA AHAWE KUGIRA NGO ATERERE INGUGO KURI ABO BAVUGWA MURI UBWO BWICANYI MBEGA MURAZI AHO NABONEYE KO BISHOBOKA? KURI WAMUDAMU WO KU MASE YARIRIRA KW’IRADIYO RPA NGO ABANA BABASITURIYEKO INZU IGIHE HABOMORWA INZU MURI SITE KU MASE ARIKO MUNYUMA AKIGAYA AKAVUGA KO BAMUHENDESHEJE AMAHERA KUGIRA ABIBESHE?AHUBWO AMATOHOZA YOKORWA NEZA BAKARABA NTAHAVURE ABA NK’UWO MUGORE.MWUMVA TUVYUMVA KUMWE?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.