Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kabila yagize urugendo mu Buseruko bwa RD Congo n’umuduga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kabila yagize urugendo mu Buseruko bwa RD Congo n’umuduga

Kabila yagize urugendo mu Buseruko bwa RD Congo n’umuduga

samedi 30 Munyonyo 2013

Umukuru w’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo Joseph Kabila, ari mu rugendo mu Buseruko bw’ico gihugu, aho yashoboye kwishikira mu burere bwahora bugenzurwa n’abari mu muhari wa M23.

Inyuma y’aho uyo muhari utsindiwe ku rugamba n’igisirikare ca Reta gifashijwe n’ingabo z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu ntango za Munyonyo, nibwo bwa mbere Kabila akandagije ikirenge ciwe muri iyo mitumba yari yarigaruriwe na M23. Umukuru w’ico gihugu ashitse i Rutshuru hafi y’igihugu c’Ubuganda, igisagara cari carigaruriwe na M23, yerekanye y’uko afise icizere ko umutekano wiyongereye aho mu karere k’Ubuseruko bw’igihugu arongoye. Muri urwo rugendo rw’ibirometero bishika ku majana icenda (900km), Kabila yakoresheje umuduga, kugira yerekane ko amahoro yagarutse.

Bukaba aribwo bwa mbere Kabira agendera Ubuseruko bw’ico gihugu, haraheze imyaka ibiri. Kabila rero mw’ijambo yashikirije abanyagihugu, akaba yasavye ko n’iyindi mirwi icitwaje imiheto aho mu Buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo kuyishira hasi, maze bafashanye gusanura igihugu na cane cane ako gace kamazemwo igihe kari muri zuguruzuguru. Tukabamenyesha ako abanyagihugu bo muri iyo micungararo ariko, bidogera abahoze bari mu mirwi irwana, eka imwe mu mirwi yoba ndetse yaranafashije igisirikare ca Reta kurwanya M23 kuba ataco bababikana munzu no mu mirima, kuko aribo bisarurira imirima y’abanyagihugu.

Bakavuga ko n’aho M23 yagiye, ubu naho, biteze kuzicwa na kigoyi kubera ubusuma bukorwa n’abo bandi barwanyi, bivurwa ko abo bahoze ari abarwanyi, bitezwe gushimirwa, mu gushirwa mu nzego z’umutekano muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, kuko bamaze n’iminsi mu myimenyerezo ya gisirikare.


Aristide Nizigire

Messages

  • Trakomezagushimira Imana ko igihugu kibanyi ca Congo congeye kubanyabagendwa Congo Oyeeeee!!! Kabila Oyeeeeee!!! abasoda ba Congo Oyeeeee!!! aba Congoman bomumoko yose Oyeeeeeee! Murakaramba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.