Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kabondo : Ikibuga c’umupira cahawe ishirahamwe "GIRIYUJA" kirimwo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Kabondo : Ikibuga c’umupira cahawe ishirahamwe "GIRIYUJA" kirimwo (...)

Kabondo : Ikibuga c’umupira cahawe ishirahamwe "GIRIYUJA" kirimwo impari

mardi 24 Nyakanga 2013

Umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama, Adolphe Rukenkanya yarashinze ibuye rya mbere ry’umushinge w’urwubako rw’ikibuga c’umupira w’amaguru cahawe ishirahamwe GIRIYUJA. Mu gihe ico kibuga kizokwubakwa mu Kabondo gitegekanijwe kuzohora gikiniramwo abana bo mw’ibarabara, mw’ishirahamwe GIRIYUJA barabishima, ariko abanyagihugu bo mu Kabondo bagasaba ko urwo rwubako rw’ico kibuga rwojanwa ahandi.

Ico kibuga kigiye kwubakwa mu Kabondo cahawe ishirahamwe GIRIYUJA kugira abe ariryo rizokurikirana itunganwa ryaco. Abanyagihugu bo mu Kabondo n’abandi bakorera muri iyo micungararo bamenyesha ko kuba ico kibuga cubakiwe abana bo mw’ibarabara ari iciyumviro ciza, ariko ko abandi banyagihugu bahora bakoresha ico kibuga bazoca babura ahandi binonorera imitsi. Musitanteri wa komine Kabondo amenyesha ko bamaze kwandikira umukuru w’igihugu bamusaba ko yohagarika urwo rwubako, akabaronderera ahandi kubera ko ico kibuga cahora ari ngirakamaro ku banyagihugu benshi baza kuhinonorera imitsi, nk’abakinyi b’umupira w’amaguru bo mw’ishirahamwe ryo mu kabondo, abanyeshure bo kw’ishure Ecole Belge, n’abandi.

Ku bavuga ko ico kibuga kizoguma gisangiwe n’abo bandi bahora bagikoresha, abanyagihugu bo mu kabondo siko babibona. Bamenyesha ko bizogorana uko boguma bagikoresha bose mu gihe kizoba cegukira irindi shirahamwe "GIRIYUJA".

Mwomenya ko mubateye umukono kuri iryo kete ryarungikiwe umukuru w’igihugu harimwo ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Kabondo, abanyagihugu, ishure Montessori School hamwe n’ishirahamwe PSG.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.