Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kagame na Kikwete bagiranye ikiganiro i Kampala - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kagame na Kikwete bagiranye ikiganiro i Kampala

Kagame na Kikwete bagiranye ikiganiro i Kampala

jeudi 5 Nyakanga 2013

Nk’uko vyari bitegekanijwe, umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame na mugenzi we wa Tanzaniya Kikwete babonaniye i Kampala kuri uyu wa kane igenekerezo rya ya 5 Nyakanga 2013.

Umubonano wabo ukaba wabaye imbere y’uko bitabira iyindi nama yahuza abakuru b’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini, aho nyene i kampala.

N’aho ivyo baganiriye bitaramenyekana, uwo mubonano wabo uje nyuma y’igihe umubano w’Urwanda na Tanzaniya wari umaze iminsi utifashe neza.
Icuka kibi muri uwo mubano caturutse ku majambo umukuru w’igihugu Kikwete yari yavugiye i Addis Abeba, asaba Urwanda kuganira na FDLR, umurwi w’abarwanyi Leta y’Urwanda yagiriza ko ufise uruhara mu honyabwoko ryabaye muri ico gihugu mu mwaka w’1994.

Abo bakuru b’ibihugu bakaba babonanye mu gihe n’ubundi bari bagiye guhurira i Kampala mu nama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini, barabira hamwe icokorwa kugira intureka ziri mu buseruko bwa Congo zohagarara.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.