Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kaka : "Nditeguriye guheba gukina umupira kugira nkorere Imana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kaka : "Nditeguriye guheba gukina umupira kugira nkorere Imana (...)

Kaka : "Nditeguriye guheba gukina umupira kugira nkorere Imana ubudasiba"

mercredi 21 Myandagaro 2013

Umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru akinira hagati, mu murwi wa Real Madrid kandi akundwa cane mu gihugu gihugu ca Bresil avukamwo, uwo nawe ni Ricardo Izecson Dos Santos Leite, azwi kw’izina rurarangiranwa rya Kaka, yavutse igenekerezo rya 22 Ndamukiza mu 1982 i Brasilia amenyesha ko yiteguriye guhagarika gukina umupira w’amaguru kugira akorere Yezu (Yesu) bimwe bishemeye.

Yubakanye na Caroline Celico, kuva mu mwaka w’2005. Mu mwaka w2007, niho yaronka umupira w’amagaru w’inzahabu w’ikinyamakuru c’umupira w’amaguru mu Bufaransa.
Muri kamere kiwe, Kaka ni umukinyi w’incabwenge akomeye, yitanga cane iyo ariko arakina umupira, abana neza n’abandi, akaba n’umukinyi w’akarorero mu mibereho yiwe ya minsi yose.

Ni umukinyi akundwa cane na bose bimwe birenze urugero. Ariko we, ntiyigera yemera ko afatwa nk’umuntu adasanzwe. Mu kwicisha bugufi kwiwe, yagize ati : « Ndavugana n’abakunzi banje, nifotoza ndi kumwe nabo, ariko nama ngerageza kubasigurira ko ndi umuntu asanzwe nkabo, ameze nkabo, haba mu mahirwe canke mu magorwa. »

Mu majambo yiwe nyene, yabandanije avuga ati : « Umwami yezu niwe afise ikibanza ca mbere mu buzima bwanje. N’ubwo yonsaba kurushirizaho kumwamamaza, nzonezerezwa cane no guheba vyose, nkitanga, ngaheba ingabire idasanzwe nahawe yo gukina umupira w’amaguru, kugira nigane ukwemera kwa Burahamu, aho yari yiteguye gutanga ikimazi umwana wiwe w’isezerano, Isaka. Nshaka ko inyifato zanje zivuga kurusha amajambo mvuga, kugira ziba icete gisomeka kuri bose. Mu vyumba twihinduriramwo tugire tuje gukina, abakinyi bamwe bamwe baransaba ko ngira amasengesho imbere y’uko twinjira mu kibuga ».

Ukuboko kumwe kudugijwe hejuru, ukundi kuri kugikiriza ciwe, mu gusenga kwiwe, umukunyi Kaka, ibitsindo vyiwe vyose abitura « Umuremyi ».
Muri Munyonyo umwaka w’2000, Ricardo aho yari mu buruhuko kuri basekuru naba inakuru biwe, yaragize insanganya, ababara ku ruti rw’umugongo, inyuma yo kunyereye igihe yariko asimbira mu bwogero « piscine ». Ivyo vyamutumye yegera Imana gusumba. Kaka ati : « Ico kiringo caratumye negera Imana gusumba. Yaramfashije ndakira, mu gihe nari uwugiye kuba ikimuga ubuzima bwanje bwose. Ukwizera kwanje kwaduze igihe nari nkiri muto. Nakuriye mu muryango w’abasenzi cane, mbatizwa mfise imyaka 12 gusa. Nsoma Bibiliya iminsi yose. Bibiliya nahawe mbere n’umutambukanyi wanje Caroline. Nsoma igitabo c’Itanguriro, ariko ngakunda cane igitabo ca Zaburi, ikigane ca 23, kikaba kimpimbara cane».

Mu bijanye nivyo kwidagadura, umukinyi Kaka akunda kwumviriza indirimbo zihimbaza Imana « cantiques », hamwe n’amasengesho. Hamwe abandi bahurumbira kuja mu bunywero bwogutambiramwo bararamwo, « Boites de nuit », we ntibikiri imibereho yiwe, avuga ko iyo agiyeyo yumva atamerewe neza.

Mu gukurira mu muryango w’abakirisu, vyatumye akurana indero nziza agira n’inyifato z’abubaha ijambo ry’ Imana. Kaka avuga ko ari ivya nkenerwa kuriwe, kuko binamutuma aba mu mahoro n’umunezero adasanzwe. Yizera ko Yezu Kristu amuzanira vyose, atari mu kuroranirwa gusa, ariko kandi ko amuba hafi mu bihe bigoye acamwo na cane cane ko yizera adakekeranya ko hariho intsinzi imurindiriye, intsinzi ku rupfu. Abivuga ashimitse mu majambo yiwe ati : « Ukwizera mfise, nashize mu biganza vy’Umuremyi, kunzanira amahoro adasanzwe, umutekano mu mice yose y’ubuzima bwanje. Ndazi ko Imana irongora ubuzima bwanje. Ni data wanje wo mw’ijuru, anyitayeho, akitwararira n’abankikuje bose ».


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.