Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kaka yatangaje umurwi wa Real Madrid mu kubasezera batavyiteze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Kaka yatangaje umurwi wa Real Madrid mu kubasezera batavyiteze

Kaka yatangaje umurwi wa Real Madrid mu kubasezera batavyiteze

vendredi 30 Myandagaro 2013

Umukinyi w’umupira w’amaguru asanzwe aturuka mu gihugu ca Brésil, azwi kw’izina rya Ricardo benshi bazi kw’izina rya Kaka, aherutse gutangaza abantu aho kuri uyo wa kane yasezera ku mugaragaro umurwi yahora akinira Real Madrid inyuma yo kuwutsindira ibitsindo bibiri mu rukino rwabahuza n’umurwi wa Deportivo La corogne.

JPEG - 40.6 ko
Kaka mu rukino na Deportivo

Inyuma yo kudakinishwa kenshi n’uwahoze amenyereza uwo murwi José Mourinho, Kaka yari yarambiwe ntiyipfuza ko biguma nk’uko vyahora mu myaka mike iheze. Ariko umumenyereza mushasha wa Real Madrid Carlo Ancelloti afatiye ku kungene uwo mukinyi yavyifatamwo akiri mu murwi wa Milan AC niwe yari yizigiye uyu mwaka.

Ariko rero siko bigenze kuko Kaka yamenyesheje ko iciza kuri we n’umurwi Real Madrid aruko yokwigendera. Amenyesha ko se wiwe ariko aravugana n’umurwi wa Real, akaba arindiriye inyishu itomoye kuri uyu wa mbere uza. Nk’umukinyi wundi wese ageze ku ntambwe nk’iyo Kaka agezeko, yipfuza kuzokinira igihugu ciwe mu gikombe c’isi yose mu mwaka w’2014 kizobera muri Brésil, ariko ikigihaze n’uko asanzwe adatangura mu murwi wiwe Real Madrid.

Nk’uko ibimenyeshamakuru vyaho muri Espagne vyibaza, Kaka yoba yashatse gusubira mu murwi wiwe wa kera Milan Ac yari yavuyemwo mu mwaka w’2009 ku giciro c’imiriyoni 62 kugira aje muri Real Madrid.


Prosper Ndayikeza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.