IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kamenge : Gerenade yatewe hafi y’isoko

Kamenge : Gerenade yatewe hafi y’isoko

lundi 22 Ruhuhuma 2016, par egide

Nk’igihe c’isaha hafi indwi z’umurango, gerenade yatewe muri zone Kamenge, komine Ntahangwa, hafi y’isoko ya Kamenge. Bivugwa ko umuntu umwe ariwe yoba yahitanwe n’iyo gerenade.

Iyo gerenade ibaye iya kabiri itewe kuva mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, iya mbere ikaba yari yatewe mu gatondo ko kuri uwu wa mbere kw’isoko kwa Siyoni muri komine Ntahangwa, zone ya Ngagara.

Umwe mu bandandaza bakorera aho kw’isoko kwa Siyoni amenyesha ko batabonye uwateye iyo gerenade yakomerekeje abantu batamenyekana igitigiri, bikavugwa ko hari n’umuntu yoba yahitanwe n’iyo gerenade. Mu giporisi c’Uburundi ntaco barabivugako.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.