Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kamenge : Isoko ya kijambere iriko irubakwa yitezwe n’akamwemwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Kamenge : Isoko ya kijambere iriko irubakwa yitezwe n’akamwemwe (...)

Kamenge : Isoko ya kijambere iriko irubakwa yitezwe n’akamwemwe kenshi

mardi 7 Nzero 2014

Isoko ya kijambere iriko iruba mw’isoko ya kera ya Kamenge. Ibikorwa muri iyo soko, bikaba biriko biragenda neza nk’uko bivurwa na Nestor Cishahayo umukuru w’ isoko yo mu Kamenge mu gisagara ca Bujumbura.

Ibikorwa vyo kwubaka iyo soko ya Kijambere biriko biragenda neza, ndetse ivyo bikorwa bikaba biba no ku minsi ya gatandaru. Bamwe mu bubaka ukaba usanga bariko barashira amabati ku nyubakwa y’iyo soko, abandi nabo ugasanga bariko barasiga impome, eka abandi bari mu bindi bikorwa bitandukanye nko gushirako amadirisha n’imyango.

Iyo soko yo muri komine ya Kamenge rero ni yuzura, abazoyidandarizamwo ubwa mbere, bakazoba abasanzwe bahafise ibibanza kuva kera, ubu bakaba baramaze kubasansuma. Ni hagira ibibanza bihasigara, bikazohabwa abandi badandaza.

Iyo soko rero ikaba yubatswe ku buryo ibindandazwa vyose bizoba bifise aho biri. Hari ikibanza kizoba kidandarizwamwo inyama gusa hamwe n’amafi, ico kibanza kikazoba gifise ndetse n’ivyuma vyo gukanyisha ivyo bidandazwa kugira ntibishobore kwononekara. Ibindi bibanza akaba ari ivyo kuzondandarizwamwo impuzu, ibifungurwa bitandukanye, ibirato, ibintu bikenerwa mu bundi buzima, n’ibindi.

Abadandariza muri iyo soko bakavuga ko bari barushe no kudandariza mw’isoko ya kera, mu gihe imvura iguye atamuntu yasubira kuyiturukira, kuko wasanga ivyondo bijaga, abasumyi bagaca batinya kuza, eka n’abadandaza bakavuga ko bapfa kuhicara, kuko atakundi baba bari bugire, mu gihe baba batinya ko ibidandazwa vyabo vyobora.


Aristide Nizigire

Messages

  • Burundi tera imbere nkumuzinga ariko ushire ho amateko meshi yo gukinkira umuriro kuko yohava isha ngo bazobaha na frigo yo gukanyisha inyama nifi none babahaye niyo gukonjesha na zavyeri ko nazo bazazicuruza co kimwe na mafanta none bazoja banwa ibikonje none izotangura gukora ryari ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.