IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Kaminuza Espoir d’Afrique iguma iramura incabwenge

Kaminuza Espoir d’Afrique iguma iramura incabwenge

dimanche 16 Kigarama 2012

Nk’uko bisanzwe muri iryo shure mu mpera z’umwaka haba hari abanyeshuri benshi basoma ibitabo vyabo bivanye n’igisata umwe wese ashaka guheza. kugirango bazahabwe impapuro z’umutsindo zabo ku munsi uba ku mwisho w’umwaka wamashuri ico bita (journée de graduation).

Amezi abiri ya nyuma y’umwaka w’amashuri ico gikorwa kiba kiriko kirakorwa ,kuri uyu wagatandatu kw’igenekerezo rya 15/12/2012 ibitabo vyasomwe kubwinshi kuko wasanga mu kibuga c’iryo shuri hari uruja n’uruza rw’imiduga n’abantu baje kwirabira uko bagenzi babo canke abana babo basoma ibitabo vyabo. Muri abo harimwo abo mu bihugu bitandukanye nk’uko ishuri rya kaminuza y’ivyizigiro vya Afirika ari ishuri mpuzamakungu.

Bamwe mubasomye ibitabo vyabo twashoboye kuganira batubwiye ko baryohewe kuba basomye ibitabo vyabo ku mugaragaro ndetse n’amanota baronse akaba ari meza.

Twavuganye n’uwitwa Mwenedata Cassim yaronse amanota 80% mugisata ca ‘’Informatique Pure’’ ndetse na Zawadi Angelique yaronse amanota 90% mu gisata ca ‘’Service social et Devellopement Communautaire’’. Abo bose bakaba ari abanya Rwanda, twavuganye kandi n’umukenyezi yitwa Kubota Salia Frorence yaronse amanota 89% akaba ava mu gihugu ca Kongo n’abandi batari bake.
Kuruhande rw’ababaherekeje nabo, abo twavuganye,batubwiyeko bishimiye kuba batewe iteka mu miryango yabo yo kuronka incabwenge zo muri kaminuza y’ivyizigiro vya Afirika.

Ari abasomye ibitabo vyabo uyu munsi ndetse n’ababisomye imbere yaho bose bazohabwa impamyabushobozi zabo ku wa gatanu kw’igenekerezo rya 21/12/2012 nk’uko biri muri ku rutonde rw’iryo shure ko kuri iyo tariki ari journnée de graduation.

Kw’ifoto
: kaminuza Espoir d’Afrique


Sengurebe Joel

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.