IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza nshasha mu ntara ya Muyinga

Kaminuza nshasha mu ntara ya Muyinga

lundi 11 Munyonyo 2013

Intara ya Muyinga igiye kuronswa kaminuza izoba ifise igisata c’amagara y’abantu, nk’uko bimenyeshwa na buramatari w’iyo ntara, inyuma yaho umuhuza w’abarundi agendereye iyo ntara, agaca atanguza ibikorwa vyo kwubaka iyo kaminuza.

Iyo ntara rero buca yugurura igisata ca kaminuza yitiriwe amahoro n’umwumvikano « Université de la Paix et la Réconciliation » izokwugurura ubwa mbere igisata c’amagara y’abantu mu nyuma y’ugurure igisata c’ubuhinga bwa none. Imvukira z’intara ya Muyinga harimwo umushikiranganji w’amagara y’abantu avuka muri iyo ntara muganga Sabina Ntakarutimana canke abashingamateka, abakenguzamateka, uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro ibereye Martino Nivyabandi n’abandi bose bavuka i Muyinga, bakaba bari bishikiye mu bikorwa vyo gutanguza umushinge wo kwubaka iyo kaminuza.

Umushiranganji w'amagara y'abantu Sabina Ntakarutimana

Imvukira z’i Muyinga rero zikaba zarashoboye gutanga amafaranga, n’ibikoresho vyo kwubaka, umwe wese akaba yatanze ico afise kugira iyo kaminuza ize ishobore kwugurura mu mwaka w’ishure buca utangura w’2014 ushira 2015. Abanyamuyinga rero, akaba ari umunezero ntangere mu gihe iyo ntara iri kure y’i Bujumbura, bikaba vyagorana kugira abana bahejeje amashure yisumbuye bashobore kwiga amashure ya kaminuza, mu gihe no kuja kwiga mu ntara ya Ngozi bamwe bitaborohera. Ubu rero n’abakozi ba Leta bo muri iyo ntara wasanga bafise igice ca kabiri c’amashure yisumbuye gusa, bakaba bavuga ko bagiye gushirako kaminuza nayo, ariko bakaba bipfuza ko hoba n’inyigisho zo mw’ijoro kugira bose bashobore kwiga bavuye ku mirimo yabo.

Tukaba twobamenyesha ko iyo ntara ihana urubibe n’ibihugu vy’Urwanda na Tanzaniya muri komine ya Giteranyi, hakaba na zimwe mu zindi komine w’iyo ntara zihana urubibe n’igihugu ca Tanzaniya. Abo mu bihugu bibanyi nabo nyene, bakaba bazoshobora kwiga muri iyo kaminuza buca itangura mu ntara ya Muyinga.

Ildephonse Ntawunkunda buramatari w'intara ya Muyinga

Aristide Nizigire

Messages

  • Kaminuza muntara yacu ya MUYINGA ni ikimenyetso c’ukwo Uburundi burko butera imbera.Kimwe n’abanyamuyinga bose ndishimye caaane.

  • HASIGAYE INTARA YA KARUSI.MAIS MURIBUKA KO L’HOPITAL DE 3ème REFERENCE (Iyambere mu Burundi) YUBATSWE I KARUSI. TUZOBA DUKENEYE ABAGANGA BENSHI. MAIS ENTRE TEMPS ABO BIGISHWA BAZOKWIMENYEREREZA I KARUSI. ABATARASHIKA AHO IZO NZU à2

  • Kwumva kohagiye kuboneka kaminuza muntaramvukamwo ya Muyinga imbere yakanyamuneza abenegihugu bomuntara zosezigize igihugucacu bariko barishimira ikaminuza bagiye kwunguka mugihugu, jewenumunezerontangere mumutimawanje,
    Ivyorero bigiyekumfasha kuzandasigurira incutinabagenzi zahonsanzwemba mumakungu intara ya Muyinga mvukamwo ibiyigizetwokwita mpuzamakungu ubonako dusanze dufise nikivuko gifitiye akamarogakomeye igihugucacu c’Uburundi.

  • Jewe ndi umunyarwanda mugabo ngaho i Muyinga ndahazi , nize Mu Rugari no Mu Rusengo ndahazi. Biranshimishije najewe kuko bizofasha abantu benshi kwiga bitagoranye kandi hazoca haza niterambere

  • nukuri birashimishije caane kubona muyinga nayo ironka kaminuza,ariko rero nosabako bohashira ibisata vyinshi bitandukanye harimwo no kwiga mu congereza kuko abahora baja i bugande kukironderayo (abatanzania,abanyarwanda n’abarundi nyene) bazoca boroherwa,
    Igituma bazoza nikihe? nuko burya kubantu mumaze gutembera hanze mu bihugu bitandukanye muramaze kubona ko mu burundi ariho honyene ubuzima bworoshe , naho abataraja hanze bavugako buzimvye,ariko wewe ahantu ushobora kuronka inzu irimwo amazi amatara chambre na salon ukayiriha 40 000 fbu ayo ni amadolars 25 gusa kukwezi,ntanaho vyakabonetse ahandi ni 25 gukuba incuro 15 naho nyene aba ari impera yigisagara kuburyo no gushika kwishuri bigorana.ababizi ni abavyeyi barungika abana mu bugande canke mu rwanda.
    kuri twebwe rero aba nyamuyinga eka nigihugu cose ni intambwe ntangere.
    vyongeye haroroshe gushika uvuye murivyo bihugu mvuze aho hejuru.
    muyinga oyeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeee.

  • Imana ishimwe kabisa,umuhuza atubereye umuhuza koko!nanje nagira nje i ngozi,none ndahahevye!muyinga sangwa iterambere,na buramatari waho arambe!turamukunda pe!

  • ndashimiye umuhuza nanyenicubahiroumukuruw’igihuguhamwenaBuramatariw’intarayacuweyadodoyecanetukabaturonseKaminuza

  • Birashimishije kweli naho ntari uwi Muyinga. Ariko Ubushikiranganji bw’ama Kaminuza nibuce buraba burenganure abanyeshuri bo kuri Université Ntare Rugamba kuko sinumva igituma babima ama Diplômes kandi bamaze imyaka irenga 2 ibiri barasomye ibitabo. Uwugiye wese kubwitura bammishura ngo naje kubaza abayobozi ba Ntare Rugamba nabo wababaza bakakwereka ordonance Ministre Julien Nimubona yagiye abahaye. Ubu rero ntidutahura ukuntu nizivuka inyuma nka Sagesse, ISD Ngagara, Muyinga n’izindi ziguma zitera imbere abize kuri Ntare Rugamba twifumbereje ( Igitangaje cane n’uko iguma ikora ukuri kwamye). Abamenyesha makuru ni mutohoreze tumenye ikituboheye amaboko imugongo. Murakoze.

  • That’s very good I’m so happy to hear this good news.
    Be blessed Burundi.
    Go head.

  • C’EST BON PARCE PUE C’EST LA NOUVELLE CHOSE POUR NOUS ELEVES DE MUYINGA.COMME JE TERMINE L’HUMANITE,JE VAIS CONTINUER L’UNIVERSITE SANS DAPASSER LA PROVINCE.

  • I SHALL SAY THAT W’RE SO POA AT MUYINGA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.