IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza y’u Burundi :agafashanyo k’abanyeshure kahagaritswe kubera (...)

Kaminuza y’u Burundi :agafashanyo k’abanyeshure kahagaritswe kubera amafaranga yanyurujwe

mardi 22 Nzero 2013

Ingingo yo guhagarika agafashanyo gahabwa abanyeshure bo muri kaminuza y’u Burundi yafashwe n’umushikiranganji w’inyigisho zakaminuza n’ubushakashatsi, JulienNimubona. Ivyo bikaba bibaye ngo kuko hari imiriyoni umunani z’amafaranga y’amarundi(8 millions fbu)zigenewe ikigega co gufashanya zanyurujwe, uyo mushikiranganji avuga ko zariwe n’abanyeshure.

Ingingo ihagarika ako gafashanyo k’abanyeshure yasohotse kuri uno wa mbere igenekerezo rya 21 Nzero umwaka w’2013.Nk’uko umushikiranganji Julien Nimubona yabimenyesheje, ngo bari barindiriye barabe ko ikibazo c’imiriyoni 8 zari zigenewe ikigega co gufashanya zibwe gitorerwa umuti n’abayobozi ba kaminuza y’u Burundi hamwe n’abarongoye abanyeshure ariko ngo ntivyakozwe.

JPEG - 30.3 ko

Kubera ko atacakozwe, Julien Nimubona avuga ko haciye hafatwa ingingo yo guhagarika ako gafashanyo gushika ukuri kugiye ahabona kubijanye n’iryo nyuruzwa.Kandi ngo ubu umuyeshure wese azoronka amafaranga yiwe kugatwe kiwe ,ivy’ikigega co gufashanya ntibizosubira kuvugwa.

Abanyeshure bashaka kuronka iyo bourse uku kwezi kwa Nzero guheze ngo bazobanza kwemeza ko bavuye mw’ishirahamwe ryo gufashanya.Ngo abazogomba gufasha bazokwiyandikisha ukundi gushasha kuzindi ntonde.Noneho ngo ntashigikiye itegeko rya kaminuza y’u Burundi ryuko umunyeshure babanza kumukata amafaranga aja mu kigega co gufashanya.

Kuva uburero ngo umunyeshure abwirizwa kuronka bourse yiwe hanyuma agatanga ayo gufasha mu nyuma kandi kuko avyishakiye Atari ku gahato,nk’uko umushikiranganji w’inyigisho zakaminuza n’ubushakashatsi abivuga.

Abanyeshure ariko ntibashima iyo ngingo y’umushikiranganji,uretse ko hari bamwe bamwe bavuga ko hariho ivyo bahurizako nawe.Naho badashima kubivugira hejuru, hari bamwe mu banyeshure bavuga bati:«Kubona atawushobora gusigura aho ayo mafaranga ari canke ngo yerekane ico yakoze,bisigura ko ubuyobozi bwa kaminuza n’abarongoye abanyeshure bafise ico babiziko».


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.