IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza y’Uburundi: Kuva mu kwezi kwa kabiri ntizofungurira abanyeshuri mu (...)

Kaminuza y’Uburundi: Kuva mu kwezi kwa kabiri ntizofungurira abanyeshuri mu gatondo

mercredi 6 Nzero 2016

Ubuyobozi bujejwe ibikorwa muri Kaminuza y’Uburundi bumenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya mbere ukwezi kwa kabiri,abanyeshuri ba kaminuza y’Uburundi baba mu ndaro batazoronswa ivyo bahora bafungura mu gatondo.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umuyobozi ajejwe ibikorwa muri Kaminuza y’uburundi Anatole Nzinahora kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Nzero 2016,ubuyobozi bumenyesha ko ubutunzi butifashe neza ko arico gituma butagishoboye kugaburira abanyeshuri incuro zitatu ku munsi.

Muri iryo tangazo ryashikirijwe abanyeshuri,ubuyobozi bujejwe ibikorwa muri kaminuza y’Uburundi bumenyesha ko hari ibindi bikorwa bibandanya gukorwa kugira abanyeshuri baba mu ndaro babandanye gufungurirwa.

Iryo tangazo rimenyesha ko kugira kaminuza y’Uburundi ishobora kubandanya kugaburira abanyeshuri baba mu ndaro incuro zibiri ku munsi,ingingo yafashwe ari guhagarika ivyo abanyeshuri bahora bafungurirwa mu gatondo.


IGIHE

Messages

  • none abonyene ko aribo batanguje imigumuko iyo nayo igatuma ubutunzi bwiguhugu butosekara nimubafungurire 1 kumunsi babone inyishu yivyo bakoze, babandi babakwegera munabarabara nibabahe ubwo buyi turabe. (umuheto uhenda umwambi bitari bujane)

  • none abonyene ko aribo batanguje imigumuko iyo nayo igatuma ubutunzi bwiguhugu butosekara nimubafungurire 1 kumunsi babone inyishu yivyo bakoze, babandi babakwegera munabarabara nibabahe ubwo buyi turabe. (umuheto uhenda umwambi bitari bujane)

  • Jewe mbona ahubwo bakuru bacu bo bandanya babagaburira bagapfuma bagabanya imfungugwa z,abafungwa.Kandi kugira duterimbere nukwo abafungwa bose bobaha igikogwa nk,akarorero kurima kuko ntakuntu borya bicaye

  • Ibi nivyerekana ko leta ifise ingorane zikomeye ariko iguma yihagararako kandi bidakunda. Nimwemere ko mufise ingorane, mwicare muzishakire umuti, umuti udaciye mu bwicanyi no gutoteza bene burundi mubita abansi, kuko nimwabandanya, n’izindi nzego za leta zizogera aho zihagarara!!! Nta gihugu cubakira k’unduru, imiborogo n’amarira y’abakibamo.

  • che ivyo uvuze nivyo.

  • yemw kabananiy!!burya guhomera iyiyonka biraca imitsi!rindir akarinyuma karahnda!bazohava bacumba nubugar mur kaminuza barumange!mbg burundi!petit dejeune ntimuyikur ah mudashka k bateka mur chmbr!cnk bongr kumayezi mbna bwarubusa gsa

  • Ibintu biriko biranyaruka guhinduka!Buyoya yabatse ama bus n’inyama,Nkurunziza nawe ngo sezere akayi! Ikibabaje n’uko biyobagiza ko ubwenge bufitaniye isano n’ivyo umuntu afungura! N’est-ce pas la culture de la médiocrité?

  • yemw ivyubu nihatari non ubona ko bizogenda gut

  • yemw ivyubu nihatari non ubona ko bizogenda gut

  • YEye reta yingoz nayo ntivyorosh pe!

  • YEye reta yingoz nayo ntivyorosh pe!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.