IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza y’Uburundi ntiyahimbaje Yubire y’imyaka 50 imaze ivutse

Kaminuza y’Uburundi ntiyahimbaje Yubire y’imyaka 50 imaze ivutse

vendredi 10 Nzero 2014

Kaminuza Y’Uburundi yarumije imyaka 50 ibayeho, abatari bake bakaba batangaye kubona ata birori na bimwe vyateguwe vyo kwigina uwo munsi, mu gihe tuzi ko iyo kaminuza yasohoye incabwenge nyinshi mu Burundi.

Kuri uno munsi wa gatanu igenekerezo rya 10 Nzero 2014, kaminuza y’Uburundi yarumanije imyaka mirongo itanu itanguye ibikorwa vyo gutanga ubumenyi ku banyeshure baba bahejeje amashure yisumbuye.
Iyo kaminuza rero ya Reta ikaba yavutse kw’igenekerezo rya 10 Nzero 1964. Muri kino gihe ikaba ifise abanyeshure barenga 15000 bari mu bisata 8 bitandukanye. Iyo kaminuza ikaba yaramaze kwinjira mu nyigisho zishasha irizo bita BMD (Baccalaureat Master Doctorat) kuva mu mwaka w’ishure wa 2011 - 2012.

Abatari bake rero bakaba batangajwe n’ukungene ata birori vyigeze bitunganywa kuri uwo munsi, mu gihe mu yindi myaka yahera kaba ari akaryo keza ko gusubira guhuza abahize, abigisha, n’abandi batandukanye, mbere ivyo birori vyaba vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu, hamwe n’abandi bategetsi batandukanye. Aho muri ivyo birori haba hatunganijwe n’ibiganiro bitandukanye.

Abatari bake bakaba bariko bariyumvira igituma ubuyobozi bw’iyo kaminuza butatunganije ibirori na rirya kari ari akaryo keza ko kwerekana ibikorwa vyaranguwe n’iyo kaminuza muri iyo myaka 50 iheze, hamwe no guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye ingorane zagiye zirashikira iyo kaminuza, hama bishobore gutorerwainyishu.

Tubibutse ko iyo kaminuza yagiye ica mu bihe bitoroshe, indyane zifatiye ku moko muri kahise aho mbere no muri kino gihe icuka gisa n’ikitari ciza bivuye kw’itangwa ry’akazi ryoba ritaciye mu mategeko hamwe n’ibomborabombora mu banyeshure mu gihe hari ukutumvikana ku vyerekeye abobarongora.

Ikinyamakuru canyu IGIHE kikaba kigiye kurondera ubuyobozi bw’iyo kaminuza kugira bugire ico bubivuzeko, butange imvo zoba zatumye badategura urubanza nk’urwo abenshi babona ko rwari kuba ngirakamaro.


Floxella Karire

Messages

  • Erega ubundi burakenye ubwose nivyo gusa ko mbona byagaranye ko abakinyi bacu batinze kuza gukina umupi muri apfica yepfo ubwo se subukene uburundi bufise.ewe mweho ngo unja kugira umusi mukuru mu bukene reka abategetsi bibereho.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.