IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza y’Uburundi yemeje amasezerano yo guteza imbere inyigisho mu gisata (...)

Kaminuza y’Uburundi yemeje amasezerano yo guteza imbere inyigisho mu gisata c’uburimyi

jeudi 12 Kigarama 2013

Ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi bwateye umukono ku rupapuro ruzokoreshwa mu mugambi wo guteza imbere igisata c’Uburimyi muri kaminuza y’Uburundi. Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi akaba yari kumwe n’umunyamabanga mpuzabikorwa mu runani RUFORUM rw’ama kaminuza (Regional Universities Forum for Capacity building in Agriculture).

Kaminuza y’Uburundi hamwe na Kaminuza y’i Makelele bagiye gukorana mu ntumbero yo guteza imbere igisata c’uburimyi n’ubworozi. Igituma kaminuza y’Uburundi iteye umukono kuri urwo rwandiko, bari kumwe na kaminuza y’i Makelele, n’uko iyo Kaminuza ariyo irongoye ayandi ma kaminuza yagiye hamwe mu runani RUFORUM (Regional Universities Forum for Capacity building in agriculture). Ayo makaminuza akaba yagiye hamwe kugira bategure imigambi, kugira baronke uburyo bwo guteza imbere inyigisho mu gisata c’Uburimyi n’ubworozi nk’uko bimenyeshwa n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, Gaston Hakiza.

JPEG - 32.4 ko
Gaston Hakiza, umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi

Uwo mugambi wateguwe n’abahinga mu gisata c’uburimyi n’ubworozi bo muri kaminuza y’Uburundi, bawushikiriza ishirahamwe ry’abandi bahinga b’iburaya, muri Caraibes na Pacifique. Uwo mugambi barawujanye mw’ihiganwa, mbere uratsinda.
Uwo mugambi ukazofasha kandi kuringaniza inyigisho mu gice ca "Master", nk’uko bibandanya bivugwa n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza. Uwo mugambi uzofasha kwongereza ubushobozi ku bisongerezi vy’abarimu, baje kunonosora inyigisho.
Kaminuza y’Uburundi ntizokorana y’i Makelele gusa, bazokorana kandi na kaminuza y’i Antananarivo muri Madagascar, Kaminuza yo muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Kaminuza y’i Bordeaux mu gihugu c’Ubufaransa, hamwe na kaminuza yo mu gihugu c’Ububiligi .

Gaston Hakiza, umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi akaba yaboneyeho akaryo ko gushimira umunyamabanga mpuzabikorwa w’iryo huriro ry’amakaminuza 32 ari mu bihugu cumi n’umunani vyo muri Afrika, akaba mbere yari yaje aherekejwe n’abatanga uburyo muri ivyo bisata.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.