IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Kaminuza yigenga mu ntara ya Gitega yaratanguye kubakwa

Kaminuza yigenga mu ntara ya Gitega yaratanguye kubakwa

samedi 1er Kigarama 2012

Ubumenyi n’umushinge w’iterambere rirama . Ico nico catumye , ku musi wa kabiri igenekerezo rya 27 munyonyo ,icababa ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi RUFYIKIRI yishikiye mu ntara ya Gitega ku musozi wa Tankoma ahariko harubakwa ishure rya kaminuza rizokwigisha ubuhinga butandukanye,UPG ( Université Polytechnique de Gitega).

Intumbero y’urwo rugendo kwari ukwegereza ibikoresho bizokoreshwa mu kubaka igisenge c’iyo nyubakwa n’ukwereka abagenzi b’invukira za Gitega aho ivyo bikorwa vy’ugwubako bigeze kuko ngo badasiba kubafata mu mugongo.
“Intambwe tuzezeko muri iki gikorwa tuyikesha mwebe abanyagihugu bo muri iyi ntara ya Gitega , abagenzi ,hamwe n’imvukira za Gitega ,mwaritanze cane ndabibakengurukiye cane,kandi noneho , ba sokuru barayamaze bati “bafasha uwifashije. Nico gituma abagenzi batari bake bariko badufata mu mugongo”.

Ivyo vyashikirijwe n’icababa ca kabiri c’umukuru w’igihugu mwijambo ryiwe .Mubitanze muri ico gikorwa , yaravuze nka Hotel cleub du lac Tanganyika imaze gutanga imifuko 120 y’isima hamwe n’umushingantahe Mohsen TAaib w’umunyatanzaniya ,arongoye ishirahamwe pembe yatanze imiliyoni cumi na zitanu z’amafaranga y’amarundi, bakaba bariyemeje kandi kubandanya bafasha muri ico gikorwa .

Umushingantahe Mohsen Taib kubwiwe ati:”Kubera ko u Burundi n’igihugu ca Kenya bimeze nk’ibivukana ,tuzobandanya gushigikira igisata c ‘indero, kuko igihugu kitagira incabwenge kidashobora gutera imbere” .Akaba yaciye yiyemeza kuzobandanya gushigikira ico gikorwa kuko kizofasha cane guteza imbere igisata c’indero mu Burundi .
Mwomenya yuko iyro shure rya kaminuza rizokwubakwa mukibanza kingana na hegitari mirongo ibiri na zitanu , rikazoba igorofa y’inzu zitatu zigerekeranye.

Iyo kaminuza kandi izotanga ubumenyi mu bisata bishika kuri bitandatu ,harimwo ubuhinga mu vy’ibifungugwa , ugutunganya ivy’ubudandaji , amahoteli hamwe n’ivyukwakira ingenzi,ivyigwa vy’ubuhinga bwa none muvyo gutumatumanako no guhanahana amakuru ,hazotangigwa kandi ivyigwa vyerekeranye n’ibidukikeje ,ubutare n’agataka , hamwe n’ivy’ubuvuzi.
Bitegekanijwe ko iyo nyubakwa izoba yaheze kubakwa mu kwezi kwa Gitugutu umwaka w’2013.


Ingabire M.Claire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.