IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza za Reta : Akamo katewe gasa n’akatitabwe

Kaminuza za Reta : Akamo katewe gasa n’akatitabwe

lundi 24 Ntwarante 2014

Akamo katewe n’umushikiranganji gasa n’akatitabwe kuko ku banyeshure barenga ibihumbi icumi biga muri kaminuza za Reta, abashika kuri 42 nibo bari bamaze kwitaba baje kwiyandikisha, mu gatondo ko kuri uno wa mbere.

Igenekerezo rya 24 niryo sango ryari ryatanzwe n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, kugira abanyeshure barungitswe imuhira iwabo basubire ku mashure babanje gutera umukono ku rwandiko rubasaba ivyo bategereza kwiyemeza n’ukwubahiriza kugira basubire mu mashure. Kuri uno wa mbere, ikinyamakuru IGIHE caciye muma kaminuza ya Reta atandukanye. Igihe c’isaha zitanu, abanyeshure 42 gusa nibo bari bamaze kwiyandikisha.

Imbere y’aho igihe c’isaba zibiri, mu bigo vya kaminuza hagaragara, nta munyeshure yahabona kiretse abakozi gusa basanzwe bakorera muri ivyo bigo vya kaminuza y’Uburundi, ariko abandika bo bamwe bamwe basa n’abari bamaze kuhashika biteguye kwandika, ariko muri ico gihe nyene hari amakuru yavuga ko hoba hari imbonerakure ziriko ziva mu ntara za ruguru kugira zice ziyita abanyeshure. Ku gihe c’isaha zine n’igice, mu bigo vya kaminuza y’Uburundi hari hamaze kwiyandikisha abanyeshure bose hamwe 15. Mu gisata c’ubutunzi 4, mu gisata c’amategeko umunyeshure 1, mu gisata c’indimi 3, mu gisata c’uburimyi 7.

Muri campus Kamenge hari hamaze kwiyandikisha abanyeshure 27. Muri abo banyeshure, 26 ni abo mu gisata c’ubuvuzi hamwe n’umwe asanzwe yiga mu gisata c’abiga ivyerekeye inyifato (psychologie). Igihe ibimenyeshakuru vyahashika hari hahagaze abantu bari mu karwi, abashoboye kubamenya bakavuga ko zoba ari imbonerakure. Aho nyene ku kigo ca campus Kamenge hari imodoka zaguma zitembera zifise ibiyo vyirabura, bamwe bakavuga ko zoba ari izo mw’igendereza.

Kw’ishure nderabigisha ENS wamenga ntanicabaye, abandika bari aho ariko nta munyeshure n’umwe wabona atonze ariko ariyandikisha. Tubajije abandika, banse gutanga ibitigiri, baturungika kuwujejwe gutanga amakuru muri iyo kaminuza nderabigisha ENS, uwo nawe yanse kugira ico ashikirije, kuko ku bwiwe hakiri kare gutanga amakuru. Ariko rero vyaboneka ko ata n’umwe bigeze baronka aza kwiyandikisha, bikavugwa ko kuri iryo shure boba bafatanye mu nda badashaka kwitabira akamo bari batewe, ugereranije na kaminuza y’Uburundi. Ariko rero, n’ubwo mu bigo vya kaminuza ata banyeshure benshi bari bahari, vyibonekeza ko benshi bari mu turwi ku mabarabara. Abariko bakora igikorwa co kwandika nabo batumenyesheje ko bizera ko baza kuza kuko mbere hategekanijwe iminsi ibiri y’iyandikwa.

Tubibutse ko icuka kibi kiri muri kaminuza za Reta cari cavuye ku ngingo y’umukuru w’igihugu isubiramwo uko agafashanyo k’abanyeshure gatangwa. Iyo ngingo ikaba yatumye abanyeshure bahagarika ivyigwa.


Floxella Karire

Messages

  • none imbonerakure zigira zige kwigenza neza,mugabo zoba zisimvye amashure ewe barakunda kwishira heza.arikwiga kugira zihinduke ndazishigikiye.mugabo guhinduka boja mumasengero bakazisengera.sabatwara kaminuza simbonerakure ntabwenge.

  • Imbonera kure leta yabuze ahantu ibashira none baje mubigo vyakaminuza kugira aba Pasteur babasangeho bihane ivyaha bakoze

  • Imbonerakure zisigaye ari Cameleon, ejo zari aba porona muri Piramyd center mugukeza Prosper na Consyria, munyuma zihinduka aba JRR bo kwa gaston, none numusi zahindutse abanyeshuri bo muri kaminuza!!!

  • hahahaha, mpebe ntwenge. Jewe nibaza ko izo mbonerakure muja muzibeshera da. None ngo muri kaminuza zokwiyandikisha ngo zikore iki? Nibahohotere abanyagihugu nico bashoboye, ivyo kwiga vyo vyarabasize. Ils sont irrécupérables ces cons (imbonerakure). Igihugu carahomvye bari kuvamwo abarimyi bakomeye iyo bataba inyamaswa.

  • None mwebwe mwababanyagihugu,mwifatira imbonerakure mugahanga!burya murizo kaminuza ntavyagisirikare biga!ejo muzotangara zifise impeta zijejeta ziriko zirabifatira mugahanga kandi bazikuye mwizo kaminuza nyene!

  • None abo ba Recteur Hakiza na sebuja bazoguma bahembwa atawo bigisha? Ahubwo nibo bari kwirukanwa kuko mbona bakora nka nduwimana. Ariko aha hooho hazobagora, nta Kaminuza Nyakuri bazoronka. Bose nibaa Nditije. Nibakomere kandi impera n’imperuka hazotsinda ukuri.

  • Mbe wew ntiwumva ko n’izina ari imbonerakure nyene!!!!!! Barahabona pe!! Ishinge mukwege ibirenge isi yo ntihagaze iguma igendagenda!!!! Kandi burya abumva ibintu bama batangura ari bake abandi nabo bakabitegera mu nyuma!! burya itegeko ry’umukuru w’igihugu ntirisubira inyuma kandi riva kure!!! NDAKURAHIYE NTITUZOSUBIRA INYUMA IYO TWAVUYE!!!!

  • Abarundi twari dukwiye guca ubwenge.baduhenda ngo baradukunda naho ari uruhendo.abo bariko bakura ako gafashanyo nibo baza kuduhuma amaso badusororera ngo tubatore .Abana babo biga hanze uwanyarucari ngoja kurima.ako karababaje!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.