IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza za Reta zigiye guhomba ibitari bike

Kaminuza za Reta zigiye guhomba ibitari bike

mardi 15 Ndamukiza 2014

Muri kino gihe ibikorwa vyahagaze muma kaminuza ya Reta, agahombo ni kenshi cane ku gihugu kuko abigisha n’abandi bakozi babandanya bahembwa kandi ata bikorwa biriko birarangurwa.

Agahombo ni kenshi ku gihugu bivuye kwihagarikwa ry’ibikorwa muma kaminuza ya Reta. Amafaranga yababa imiriyoni 500 niyo Reta isohora buri kwezi. Muri kino gihe hakaba haheze amezi abiri ibikorwa bisa n’ibidahari muri izo kaminuza, kandi abakozi bo muri izo kaminuza hamwe n’abigisha babandanya guhembwa buri kwezi kandi akazi katariko karakorwa.

Iyindi ingorane ihari nk’uko bishikirizwa na Pascal Kakana arongoye sendika y’abakozi bo muri kaminuza y’Uburundi, n’uko hari abanyeshure bo mu mwaka ine yose itandukanye (quatre promotions) bagomba babomanire mu mwaka umwe, mu gihe atacokorwa. Kakana Pascal agira ati : "Ubu abo mu myaka ibiri (deux promotions) barafatanganye, hari n’abandi banyeshure bahejeje amashure yisumbuye bamaze no gutorerwa ibisata bazokwigamwo, ariko ubu bakaba barindiririye muhira. Hari n’abandi kandi bari mu mwaka wa nyuma barindiriye gukora ca kibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kwinjira muma kaminuza, bose hamwe bazoba babaye abo mu myaka ine barindiriye kwinjira muri Kaminuza."

Uwo mwigisha wa Kaminuza, Pascal Kakana akavuga ko ata gikozwe hazogera aho umwaka w’ishure uzomara imyaka ibiri, canke itatu muri izo kaminuza za Reta.
Ku cerekeye kandi ikibazo c’ihagarikwa ry’imigenderanire kaminuza y’Uburundi yahora ifitaniye na kaminuza zo mu Bufaransa n’Ububiligi, naho nyene agahombo ni kenshi.

Pascal Kakana amenyesha ko abigisha bahora bazana ubuhinga baje kwigisha muri Master muri Kaminuza za Reta bizoca bihagarara.
Uburyo bahora bashira mu bikorwa vy’ubushakashatsi, gutanga uburyo ku banyeshure baja kubandanya amashure yabo "Doctorat" navyo nyene bica bihagarara.

Uwo mwigisha muri kaminuza yibutsa ko Ububirigi bwaraye buhagaritse imigenderanire bwonyene bwafasha muri Kaminuza za Reta amafaranga agera ku miriyoni zibiri z’amafranga y’amanyaburaya, ni ukuvuga imiriyaridi zibiri z’amafaranga y’amarundi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.