Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kampala: Ingingo 11 zavuye mu nama y’abakuru bibihugu vyo mu karere (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kampala: Ingingo 11 zavuye mu nama y’abakuru bibihugu vyo mu karere (...)

Kampala: Ingingo 11 zavuye mu nama y’abakuru bibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini

samedi 7 Nyakanga 2013

Mu nama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere k’ibihugu vyo mu biyaga binini yabereye I Kampara harapfunditse ingingo 11. Izo ngingo zikaba zigamije ukugarukana amahoro n’umutekano mu karere k’ibiyaga binini. Izo ngingo zikaba ahanini zahaze ku mutekano muke urangwa muri Repubrika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Inama nkuru igira indwi y’abakuru bibihugu bo mu karere k’ibiyaga binini yarakoraniye i Kampala kuri uyu wa 5 Nyakanga. iyo nama ikaba yasozerewe ahanini basabwe ko umurwi wa M23 wohagarika ibikorwa vyose vya gisirikare maze ugaheza ukitaba ibiganiro bitarenze “ igenekerezo rya 9 Nyakanga ”. ivyo biganiro navyo bihuza M23 na Repubrika iharanira intwaro rusangi ya Congo bikaba vyagize ico bishikako mu “ minsi itarenze 14 ”.
Hambavu yiyo ngongo nyamukuru y’iyo nama, izindi ngongo 11 zapfunditswe ni izi zikurikira:
1. Iyo nama yarateye ivyatsi indwano ziriko zibera mu gisagara ca Goma. Indwano imaze guhitana ubuzima bw’umusirikare wa ONU n’ubuzima bw’abanyagihugu. Iyo nama yaciye isaba ko umurwi EJVM (Expanded Joint Verification Mechanism) wokora amatohoza ugaheza ugatanga icegeranyo c’amatohoza ku bashikiranganji bo kwivuna abansi bivyo bihugu.
2. Iyo nama yarateye ivyatsi kandi ibisasu vyatewe ku butaka bw’Urwanda biva muri Congo bigahitana ubuzima bw’abanyagihugu. Kuri ivyo, umurwi EJVM (Expanded Joint Verification Mechanism) wasabwe kugira amatohoza hamenyekane ababiteye.
3. Iyo nama yategetse ko ibiganiro vy’i Kampala hagati y’umurwi M23 na Leta ya Kinshasa vyotangura hatarenze iminsi 3 iyo nama iheze. Kandi ko ivyo biganiro vyogira ico bishitseko mu minsi itarenze 14. Atari uko naho ubahuza izo mpande zibiri mu biganiro basabwa kubimenyesha abakuru bigihugu bihweze icokorwa.
4. M23 itegetse guhagarika ibkorwa vyose vya gisirikare, igahagarika intambara n’iterabwoba ryo kurwanya Leta ya Congo.
5. Hemejwe ugukorana kw’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini kugira hatuzwe imirwi yitwaje ibirwanisho iri mu Buseruko bwa Congo.
6. Iyo nama yemeje ko MONUSCO yogira uwuyiserukira mu murwi EJVM (Expanded Joint Verification Mechanism) . MONUSCO yanasabwe ko yofasha mu bikorwa vya EJVM mu ntumbero yo guhagarika intambara.
7. Abashikiranganji bo kwivuna abansi basabwe gushiraho amategeko ajanye n’imigenderanire. Amategeko agakingira abasirikare b’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu biyaga binini.
8. Abanyamabanga nshingwantwaro basabwe kwihutira gushiraho imfashanyo yohabwa umurwi EJVM, imfashanyo yatanzwe n’umuryango w’ibihugu vya Buraya hamwe na umuryango w’ubumwe bwa Afrika.
9. Iyo nama yarasavye ONU ko yofasha mu gutanga imfashanyo z’ibifungurwa, imiti, amahema n’ibindi vya nkenerwa vyofasha abahuye n’intambara iriko ibera mu Buseruko bwa Congo.
10. Iyo nama yasavye ONU gutanga inyishu ku bahoze muri M23 begeranirijwe mu Rwanda.
11. Yemeje ivyiyumviro vyavuye mu nama ya SADC yabereye I Lilongwe kuwa 17 na 18 Myandagaro 2013. Iciyumviro cuko hoba inama ya SADC n;umuryango w’ibihugu vy’ibiyaga binini.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.