IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igitero ku bunywero "Au Coin des amis" cahitanye abantu icenda

Igitero ku bunywero "Au Coin des amis" cahitanye abantu icenda

dimanche 8 Munyonyo 2015, par egide

Umushikiranganji w’umutekano asigura ko abantu bateye mu bunywero bita ’’Au Coin des Amis’’ bambaye impuzu z’igiporisi ari abagizi ba nabi bakorana n’abanyepotike bahunze igihugu.

Abantu bitwaje ibirwanisho bagandaguye abantu icenda mw’ijoro ryo kuwa gatandatu rishura iry’uw’Imana, mu bunywero buri muri zone ya Kanyosha.
Muri ico gitero cabaye muri ubwo bunywero "Au Coin des amis", umwe mu barokotse ariko yakomeretse ku kuguru, amenyesha ko abateye bari bambaye umwambaro w’igiporisi c’Uburundi.

Nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, niho abantu babiri bambaye impuzu z’igiporisi binjira muri ako kabare, bategeka abari hanze ko bokwinjira mu nzu. Bahejeje kwinjira baciye bategekwa kandi ko bwokwubika inda hasi, barabasaka, babaka amaterefone ngendanwa n’amafaranga, baca barabarasa. Ayo makuru akaba yemezwa na Jean-Bosco Girukwishaka aramutswa Kanyosha, akavuga ko amatohoza yamaze gutangura.

Mu baguye muri ico gitero harimwo uwo batazira Zakayo nyene akabare "Au Coin des amis", umuhungu wiwe Sipiriyano Ndayishimiye, hamwe n’abandi bashitsi. Abitavye Imana muri ico gitero bose hamwe ni icenda.

Amakuru ava mu Kanyosha avuga ko ako kabare kahora kagirizwa ko hanyweramwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA. Ayo makuru nyene yemeza ko batatu mu bitavye Imana ari imisore yo ku Musaga yari muri ubwo bunywero.

Alain Guillaume BUNYONI umushikiranganji w’umutekano asigura ko abo bantu bateye mu bunywero bita ’’Au Coin des Amis’’ bambaye impuzu z’igiporisi ari abagizi ba nabi bakorana n’abanyepotike bahunze igihugu. Yabivugiye muri karitiye ya Mutakura, aho yari yagiye gutanguza kuri uwu w’Imana igikorwa co kwaka ku nguvu abafise ibirwanisho batabifitiye uruhusha.


IGIHE

Messages

  • None ko mubesha Abarundi ngo mutwara igihugu kandi mujejwe umutekano w’abanyagihugu, abo bagizibanabi babakorana ivyo muri hehe? Muba mucokeye mu macupa nk’uko mwama no mu biturire aho gukora ico mutegerezwa : gucungera umutekano w’abantu.

    Emera akabi mwarananiwe, igihuhu carabananiye. Mwishinze kwiruka inyuma y’ibihumbi nk’uko mubivuga , inyuma y’abagore, y’abatavuga rumwe namwe, inyuma y’ibikorane ngo musenga Imana naho musenga amashetani none raba aho mugejeje igihugu gushika aho n’igihugu kibanyi kibifatira mu gahanga izuba ryaka, ikintu kitari bwaboneke.

    Gende muri igito: muramaramaje abari babashizemwo umwizero wabo.

  • Reka Kagamé abahane na rukara uwigize ikivumvu bamuyoza umwavu.
    Ntaco mucambariye kuko mwapfukamwe munda abo mujejwe kuva kera. Mwagirango amakungu arasinziriye.
    Reka babagaye kuko ntaco mucambariye. Abarundi kuko tutagira aho tuvugira ubwanwa bwarapfutse umunwa ariko tugumana umwizero ko musuma murenga kuko nta mvura idahita.

  • abahutu ntandero mufise amaraso yabatutsi ntimuzoyanywa ngomuyamare gusa mumenyeko na Gahini yishe murumuna wiwe maze apfa yangaye nawe bunyoni na nkurumbi muzopfa mwangaye ndabavumye

  • Birababaje abana b’Uburundi baguma bicwa. None abanyapolitike bahunze igihugu nibo bica abanwanyi babo?
    Ntanyagupfu ntanyagukiri nimygeza mwebwe mwese mwica abandi mukabaka ubuzima mutari bubarye! Mumenyeko hari urubanza rw’Imana. Kandi yoyo ntawuzoyihenda. Izocira urubanza umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze,! Ihane bigishoboka yemwe.barundimuri.hafi n’abari kure.

    God bless you!

  • Birababaje abana b’Uburundi baguma bicwa. None abanyapolitike bahunze igihugu nibo bica abanwanyi babo?
    Ntanyagupfu ntanyagukiri nimygeza mwebwe mwese mwica abandi mukabaka ubuzima mutari bubarye! Mumenyeko hari urubanza rw’Imana. Kandi yoyo ntawuzoyihenda. Izocira urubanza umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze,! Ihane bigishoboka yemwe.barundimuri.hafi n’abari kure.

    God bless you!

  • MURABE NTIHAGIRE MUSIGA AHO KUMUTAKURA

  • Mwasutswe Na Kagame Ngo Muzehe Yitoje Umututsi Wese Ngazosarane Nuruyoya Gwe. Arajabuka Nazanyenzi Tubamarire Hamwe Mwarawucanye Kuwuzimya Bizabagora Peeee!!

  • IBINTUBIGEZEKUREMURAKWIYEGUHAGARIKA

  • Abarundi Batobato Turakenyeye Dukoreshwe Munyungu Zinda Zabandi Bagabo Ngo 3e Md Aha Bazobaha Ubutegetsi Abo Badusuka Batatowe?Twokwikorera Ivyacu Vyodutwara Iki?Ibijuju Vyisukemwo Kuko Mutagira Imitwe.

  • Mana Tabar,uburundi N,abarundi Turarushe

  • Mbega Mana ukuri nukwahe?ivyo giyome avuze nivyo?canke ni zambonerakure zahabw ibirwanisho!?MANA tabar uburundi.

  • KERA UMWUNGERE NIWE YIGURA INTAMA.NONE UBU URUHIGI GWARAHINDUKIYE INTAMA NIZO ZIGURA UMWUNGERE?AHO NTIYOFATA INGINGO ZIBEREYE HANYUMA INTAMA ZIKARONKA AMAHORO!TABARA MANA UBURUNDI.

  • ahubwo nimurabeneza abobantu uzosaga ari abowichamba ntamuporisi yorasa abantu niyamigwi irimukibira nkaniyombare twumvise koyajemukibira abajejwe umutekano murabeneza twavyuvise

  • Wekanyoniwitonde Niwewabatumye Mwenankurumbi Nimwemange

  • Jewe novugako umushikirangaji wababisha bunyoni atamutima agira niwe yatangaje ubwiwe agomora igipolice ngokimare abantu none ngonabakorana nabanyepolitike bahunze mbe yabimenye gute?amenyeko biteba,binyaruka azokwishura kuvyoriko akorera uburundi

  • None gayemwe karashize ingani aba DD batumare ngo basigare batwara amagufa yasangutse?Jewe BUNYONI nawe arantangaza. vyanditse he kobishwe nabagizi ba nabi, bakorana n’abanyepolitike bahunze igihugu?Niyitwengere ariko amenyeko aho ari hari abandi,kandi ruriyabandi rutamwibagiye.

  • ndahojeje iyo miryango yabuze abayo,Police yoyo imenya gut ibizova mwitohoza kandi ritarotangura??,Nkurunziza nivyo yariko aratubwir ko umutekano ari 96%?mucezo wandani,mutusame tunayuwana bien!!

  • KO BAVUG KO HANYWER ABATAVUGA RUMW N’UBUTEGETSI,MWUMV BAGANDAGUW NA ND?NI NYA LETA NYEN.ARIKO ABARUND TURAGOW.MANA TWIYEREK VUBA KUKO TURAHONYE.

  • ndahojeje imiryango yabuze abayo,Police yoyo iminya gut ibizo mumatohoza kandi ritarotangura??Nkurunziza nivyo yariko aratubarira ngo umutekano ni 96%?? Mcezo wandani mzee tunayuwana bien!!!!

  • None ko bavuga ngo ikibazo c’umutekano kiri muma quartier amwe amwe kandi kanyosha ikaba itarimwo, abo bicanyi bavuye he ? canke izo mpuzu bazikuye he ko birirwa basaka buri musi? Izo ni za nterahamwe n’imbonerakure nibo bahawe impuzu z’igiporisi birazwi. Uyo mu nyoni nareke kubesha abarundi.

  • ABO BAMENJA NTABANDI BOKORIRYOBARA ATARI ZANTERAHAMWE ZO KWAHAVYARIMANA! BAJE GUHERAHEZA WAMUGAMBI WABO WIHONYABWOKO KUBERA YUKO MU RWANDA NYAKUBAHWA GENERAL PAUL KAGAME YABATESHEJE ! IVYO YAVUZE LOUIS MICHEL NUKURI AMAKUNGU ARAKWHYE GUKURA NKURUMBI NIZO MPUZAMUGAMBI ZIWE ZA CDR NIMBONERAKURE BATARAHONYA ABATUTSI BI BURUNDI NKUKO VYABAYE MU RWANDA MURI 1994

  • Turahojeje ababuze ababo mwihangane ntamvura idahita, Farawo na Herode barishe abantu bibaza ngo bariko barakingira ubutegetsi bwabo ariko uyumusi ntabwo bakiriko.

  • Ntugatuke abahutu kuko umwicanyi nta bwoko afise aho hariko hapfa abatutsi gusa?Turifadikanij nuwo wese winzira karengane ariko arapfa imana ibakire.

  • Génocide irabandanya turorera. abo bishe icenda nabo mwabonye, abanyuruzwa barenga abo, ntitumenya niyo bahambwa. silence on tue, voila.

  • Mana Garukira Abarundi Na Barundi

  • Imana Nigarukire Uburundi Nayahandi Umuhero Urashitse Kubarundi.!!?

  • None Abo Bateye Aho Kuri Ubwo Bunywero Ko Hari Ibivugwa Ko Hanywera Abatavuga Rumwe Na Leta,burya Nta Nzira Karengane Zahitanwe N’ico Gitero?

  • Imiryango Ya Bo Bantu Ni Yihangane.

  • mukunzi uri ikijuju kabisa, urabona arufise umwanya wo guta ahongaho? murashakira ikibazo aho kitari rwose mwikebure naho u Rwanda murushire hasi kuko ntaho muhuriye rwose we petit.

  • None Izompuzu Zigiporisi Zivahe?Canke Abazifis Bo,bazikuy He?Sibo Bazibahe.Amaraso Yabantu Azobahumira,

  • IGIKOMBE WAHEREYEMO MUGENZI WAWE NAWE NICO BAZAGUHERAMO.

  • IGIKOMBE WAHEREYEMO MUGENZI WAWE NAWE NICO BAZAGUHERAMO.

  • Uvuze neza uvuze ko urwanda ata ho duhuriye. Ibiba mu Rwanda nta handi biraba, mbere nti bikabe n’ahandi, bize bigume iwe. Nayo ico utazi urabaza

  • Nukuri numubabaro cane,kubasazwe bakunda kiremwa muntu, turahojeje imiryango ya hekuriwe murubwo bunwero. Nonuwo mushikirangaji yi baza yuko vyukuri abanyagihugu aribijuju? abobantu bagandaguwe nibareke,kuvyegeka kubanyeporitike bahunze, nibareke ivyabo vyaramenyekanye. ivyo binyamaswa vyari vyambaye impuzu zigi porisi kobavuga kwarabatumwe nabahunze nikiryoma cambaye ipantaro, ni co ki porisi cankurunziza ca bagandaguye, kuko ntamuntu yo kwijira ngaho mugisagara rwa ta mbuke kabiri atafashwe,igi sirikare niho cuzuye hamwe ni gi porisi, uwo yokwijira agakora amabi kayo hanyuma agasubira impore yo baruwahe? noneho muruva kobivurwa kohanwera rwabitwa abakeba bobo, ivyo nibo nibo, ukobakora kurazwe utarikumwe nabo menya ubupfuye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.