Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kanyosha : Abanyagihugu barashima aho ibikorwa vyo gukingira uruzi Kanyosha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Kanyosha : Abanyagihugu barashima aho ibikorwa vyo gukingira uruzi Kanyosha (...)

Kanyosha : Abanyagihugu barashima aho ibikorwa vyo gukingira uruzi Kanyosha bigeze

jeudi 4 Mukakaro 2013

Ibikorwa vyo gukingira uruzi Kanyosha hamwe n’amazu asanzwe ari ku nkengera y’urwo ruzi vyaratanguye haraheze igihe gito kandi biracabandanya. Twaraganiriye n’abanyagihugu bo muri komine Kanyosha, karatiye Gisyo batubwira uko babona ibikorwa biriko biragenda.

Ubwa mbere bigitangura abanyagihugu bamwe bamwe bo ngaho mu Gisyo ntibari bazi ko ivyo bikorwa vyoteye imbere, kanatsinda ko atanivyo bari bize na gato, ariko uno munsi ibikorwa aho bigeze birashimishije.

Ibibuye binini binini vyaravanywe mu misozi yo ngaho mu ntara ya Bujumbura rural, ari nayo ariko arakoreshwa mu gukingira inkengera kugira amazi aje afise inguvu nyishi ntatware ivyo asanze mu nzira kandi n’ayo mazu ntaheza ngo ageramirwe.

Ubu rero n’aho ibikorwa bitarahera neza, abanyagihugu twasanze ngaho ntibanyegeje akanyamuneza bafise mu gihe amatongo hamwe n’inzu zabo vyari mu kubomoka. Ku bwa bamwe, hari haheze igihe uruzi Kanyosha ruguma rutwara imirima hamwe n’amazu ari ku nkengera yarwo.

Ubu rero ibikorwa bikaba bibandanya ukuri kwamye, ubu bariruhutsa kandi barizera ko iyo ngorane itazosubira kuba nini nk’uko vyahora.
Basaba ko ivyo bikorwa bitohagararira gusa hagati y’uruzi ruri kw’baranbara rya Bujumbura-Rumonge, ahubwo ko vyogenda bigashika naho urwo ruzi ruherera kuko inkengera zarwo zabomaguritse bivuye ku mvura nyinshi ihora irwa mu gihe cayo, aho usanga yononye ibintu vyinshi cane.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.