IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Babiri mu bahora babisha inkoho bafashwe

Kanyosha : Babiri mu bahora babisha inkoho bafashwe

mercredi 30 Ntwarante 2016, par egide

Abantu babiri bari mu bahora bamaze imisi bibisha inkoho mu duce twa Kirombwe na Mirama muri zone Muyira, komine Kanyosha, mu ntara ya Bujumbura, bafashwe n’abajejwe umutekano mu gitondo co kuri uwu wa gatatu.

Mu gihe hari bamwe mu banyagihugu bo muri ayo mazone bibaza ko abo bibisha inkoho ari umurwi urwanya Reta uriko uravuka, mu bajejwe intwaro bemeza ko abo bantu ari umurwi w’abasuma.

Abanyagihugu bo mu Kirombwe na Mirama basaba ko hofatwa ingingo zikomeye z’umutekano kugira ako kagwi k’abitwaje ibigwanisho gatuzwe muri ako karere.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.