IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Umuntu umwe yahitanwe na gerenade uwundi atorwa ikiziga

Kanyosha : Umuntu umwe yahitanwe na gerenade uwundi atorwa ikiziga

mercredi 18 Munyonyo 2015, par egide

Abantu babiri nibo bishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri rishira kuwa gatatu, muri zone ya Kanyosha. Umwe yahitanwe na gerenade yatewe mu bunywero aho yari ari, uwundi nawe atorwa ikiziga inyuma y’ugufatwa n’umuporisi.

Abantu bataramenyekana barateye gerenade mu bunywero bita KU MPENE buri muri zone ya kanyosha, nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro kuri uwu wa kabiri. Iyo gerenade yahitanye umuntu umwe, uwundi arakomereka.

Aho nyene muri zone ya Kanyosha, mu Gisyo, hatowe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, ikiziga c’umuntu yagandaguwe. Uwo yishwe azwi kw’izina rya Eliya KWIZERA, akaba yari yafashwe n’umukuru w’ikirindiro co ku Musaga (Chef de poste) asanzwe aba aho mu Kanyosha. Ababanyi ba Eliya bari biyumviriye ko yoba agiye kumupfunga, ariko mu gatondo akaba yaciye atorwa ari ikiziga mu muserege utwara amazi (Canniveau) mu Gisyo. Mu giporisi bamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura, nivyagaragara ko uwo mukuru w’ikirindiro c’igiporisi ariwe yamugandaguye, azohanwa hakurikijwe amategeko.

Umuryango wa Eliya KWIZERA umenyesha ko uwo wabo yagandaguwe ata mugambwe yarimwo, kandi ko ata n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yarimwo. Eliya KWIZERA yarashwe amasasu abiri, rumwe mu mutwe, urundi mu muhogo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.