IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Umuporisi yari yatwawe yasubijwe habanje kuvuga amasasu (...)

Kanyosha : Umuporisi yari yatwawe yasubijwe habanje kuvuga amasasu menshi

mardi 26 Rusama 2015

Ibarabara ry’indwi riva mu Kanyosha rigashika muri komine ya Musaga rirazibiye, ivyo bikaba bikozwe inyuma y’aho abaporisi benshi bari bagiye kubohoza umuporisi wabo.

Amasasu menshi yavuze muri iyo komine iri mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, abaporisi bakaba bariko baja kubohoza umuporisi yari yatwawe n’abagira imyiyerekano, aho basaba ko nabo bahabwa abantu babo indwi bari batwawe n’abaporisi. Uwo muporisi yahavuye ahabwa abasirikare, abo nabo bamushikiriza abaporisi, ariko uko abaporisi barasa niko abagira imyiyerekano nabo batera amabuye menshi. Umuntu umwe akaba yakomeretse muri abo bari mu myiyerekano.

Amasasu menshi akaba yumvikanye ku murango wo kuri uyu wa 26 Rusama muri quartier ya Jabe, mu gisagara ca Bujumbura, bagenzi bacu bariyo, bakaba bataradushikiriza ivyoba vyahononekariye.


IGIHE

Messages

  • Imana Ifashe Uwufise Icariko Arasaba Cose Gikunde Kuk Twes Turabayo Ntamwana N’ikinono.Bye Bye...

  • NDABONA UBURUNDI BUGANA INTAMBARA!BAMWE BATI NTITUROTA DUHAGARIKA POLICE ITI TUGIYE GUKORESHA INGUVU ZOSE UMUTEKANO UGARUKE.MBONA GUHANGANA ATARIWO MUTI!

  • Mukomere mwaba polisi bacu,ntimwemere ko izo mbwebwe z’aba sans echecs basubira kubicira canke kubatwara umugenzi wanyu numwe,amategeko aremerera peter kwitoza uwanka yangare izo ni imburakimazi bamenyereye ko umuhutu akora bicaye bakaja kwimbura,ubu ni ukwanka ko basubira kuturya batwicayeko,on dit non àces al chabab qui se sont engraissés comme des porcs sur nos épaules bakingiwe ikibaba n’abazungu nibamenyere kurya babize akuya comme nous,iyo mihimbiri ija mw’ibarabara ngo ni mandat bayiziko iki?

  • Bane ba maman nihagire uwuhebara uwundi niwe tuzemera ko yabajwe naya maraso ariko araseseka, mbe ko mbona impande zose bamwe bati mwoba mutugaye abandi nabo bati namwe nuko , ni nde ukunda amahoro? Tuzemera uwemeye uwuzoreka maze igihugu kikasubira mwituze, reka iryo shavu mwese muguma muduza rizohava rivyara akarambaraye karuta akigeze kuba muri kwisi. Twebwe urwaruka ntanumwe muri mwebwe tuzovuga neza kuko mwese muriko mubikora mubona neza ingaruka zavyo ariko mukemera guheba benshi ngo muze mukize abanyu gusa. Imana izobibabaza, icompa ngo izobishuze mukiri kwisi aho twese tubibona tukabatwenga.

  • NI BAKOMER KUMUHET UKUR KUZOTSINDA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.