Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Karim Benzema na Ribery bagirizwa gushurashuza umwana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Karim Benzema na Ribery bagirizwa gushurashuza umwana

Karim Benzema na Ribery bagirizwa gushurashuza umwana

lundi 20 Nzero 2014

Abakinyi bo mu gihugu c’Ubufaransa Karim Benzema na Franck Ribery bararenguka imbere ya sentare y’i Paris mu rubanza bagirizwamwo ubushurashuzi n’umwana w’umukobwa.

Kuri uwu wa mbere w’igenekerezo rya 20 Nzero mu masaha y’umugoroba, Sentare irasasa mu rubanza iburanya abakinyi Karim Benzema na Franck Ribery, aho bagirizwa ubushurashuzi na Zahia igihe atari bwakwize imyaka 18. Urwo rubanza rwatanguye imbere y’uko abo bakinyi baja mu mahiganwa y’igikombe c’isi yose co umwaka w’2010. Ico gihe, umusatitizi wo mu murwi wa Bayern Munich Franck Ribery aherutse guhusha umupira w’inzahabu, hamwe na Karim Benzema umukinyi wo hagati mu murwi wa Real de Madrid bagirizwa icaha co kuba barashurashuye n’umukobwa Zahia atarakwiza imyaka 18 «mineure». Aho hari mu mwaka w’2008 ushira uw’2009.

Mu matohoza yariko akorwa, Franck Ribery yasiguye avugako igihe bagirana amabanga mpuzabitsina na Zahia ko atamenye ko atarakwiza imyaka 18,yabandanije asigurako Zahia ari muri bamwe badandaza umubiri «Prostituée» kuko yamurishe amahera y’iburaya 700 «700 euros», mu mahera y’amarundi ni hafi 1.225.000 frbu, ko rero atibaza ko ivyo yobigira ari munsi y’imyaka 18. Karim Benzema nawe yisiguye avugako ata caha comwagira kuko Zahia yemereye Karim ko afise imyaka irenga 18.

Imyireguro y’abo bakinyi, sentare ntibifatiyeko kuko bari kuraba igihagararo ca Zahia. Kubw’umucanza André Dando, Ribery yari kumenyako Zahia atari kumubwiza ukuri imyaka yari afise kandi ariko adandaza umubiri yanka kwiyicira isoko, ko rero Ribery ivyo yari kuvyiyubara.

Mu gihe ico caha gihanishwa umunyororo w’imyaka 3 n’ihadabu ry’amahera y’amanyaburaya 45.000 «45000euros » (amarundi agera ku miriyoni ibihumbi mirongo icenda). Uwuburanira Franck Ribery, umushingwamanza Carlo Alberto, wewe abona ko uwo mukinyi bomweza kuko n’uwo sentare ivuga ko yakorewe icaha ntiyitwaye ahubwo Zahia asaba ko abo bakinyi bokwezwa.

Mwomenya ko Ribery na Benzema batazokwitaba urwo rubanza, baza guserukirwa n’abashingwamanza babo kuko nka karim Benzema ari i Barcelone aho arindiriye urukino rwo ku munsi wa gatatu.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • iki kintu kizokorako abatari bake..eka mbere uhereye kera hose niko vyamye.

  • Amaronko! Amaronkooo!! Niyo yatumye uwo mwigeme aja kwitwara kuko abona abo bakinyi ari rurangiranwa kandi bafise ivyo ku mu shumbusha bikwiye. Izo sanamu ziwe zirerekana ko yakoze ivyo yoba yari agamije kandi yoba yohora akora.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.