IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Kayanza: Ku rubibe rw’ u Rwanda n’u Burundi hasubiye kwibonekeza abasirikare (...)

Kayanza: Ku rubibe rw’ u Rwanda n’u Burundi hasubiye kwibonekeza abasirikare benshi b’abanyarwanda

vendredi 7 Kigarama 2012

Haraheze imisi ishika kuri ibiri abanyagihugu bo muri komine Kabarore intara ya Kayanza mu buraruko bw’u Burundi babona abasirikare b’abanyarwanda benshi hakurya y’abo.Bavuga ko bibateye amakenga kuko abo basirikare batahahora.

Abo basirikare bari hakurya y’u Burundi ku butaka bw’u Rwanda bari mu birindiro bahozemwo kera igihugu c’u Rwanda kikiri mu ntamabara mu myaka y’1994. Ni benshi kandi baguma bagira uruja n’uruza bakizura urubibe rwose iyo ruva rukagera kuva epfo gushika ruguru. Baguma barikanuye nk’uko boba biteguriye gufata umwansi.
Abanyagihugu bo muri komine Kabarore ku ruhande rw’u Burundi bamenyesha ko igihe batangura kubona abo basoda b’abanyarwanda bagize ubwoba bwinshi bakibaza ko hoba hari ikintu kidasanzwe coba catumye izo ngabo z’u Rwanda zisubira kwibonekeza kuri urwo rugabano rw’u Burundi n’u Rwanda.

Musitanteri wa komine kabarore aremeza ayo makuru, akavuga ko ari ibisanzwe ko abo basirikare baza muri ivyo birindiro vya kera. Ariko rero ngo ntazi neza icatumye bahaza kuko inzego z’u Rwanda arizo zonyene zizi icatumye bahaza.

Ivyo biratera ubwoba abanyagihugu b’abarundi bahora baja kwisumamwo mu Rwanda canke kurangurirayo iyindi mirimo nk’urudandazwa n’ibindi. Bavuga ko hariho abahevye kuca mu tuyira dutuduto bahora bacamwo kugira bashike mu Rwanda.. Ariko abo banyagihugu baremeza ko ata kintu na kimwe izo ngabo z’u Rwanda zirabavugisha canke ngo zibagirire nabi. Ngo bobo nibo batekerwa n’ubwoba bakaguma mu Burundi.
Gushika ubu igisikare c’u Rwanda ntaco kirabivuga ko ariko abajejwe intwaro mu Burundi barahumuriza ko abanyagihugu botekana. N’abasirikare b’u Burundi ngo bagiye kusubira mu bibanza bahoramwo kera ku rubibe.

Ivyo bishitse inyuma y’inama y’umutekano yaheruka guhuza abarongoye igisirikare c’u Burundi yabereye ku mugwa mukuru w’inrata ya Ngozi mu Burundi. Iyo nama yabaye mu mwiherero, ntawamenye icavuyemwo ariko yarimwo abasirikare bakomeye barongowe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi, abarongoye intara z’uburaruko za gisirikare n’abandi.

Bitegekanijwe ko kuri uyu munsi wa gatanu italike 7 ukuwezi kwa Kigarama haba inamay’umutekano ihuza inzego za gisirikare c’u Burundi n’ u Rwanda kugira barabire hamwe ico kibazo giteye umutima uhagaze abanyagihugu.


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.