Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igihugu ca Ukraine mu mayira abiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Igihugu ca Ukraine mu mayira abiri

Igihugu ca Ukraine mu mayira abiri

lundi 24 Ruhuhuma 2014

Mu gihugu ca Ukraine ibintu bihinduka ku mwanya ku mwanya . Mu gihe inama nshingamateka yakomboye umukuru w’igihugu Lanoukovitch ku munsi wa gatandatu yongera irekura umwe mu batavuga rumwe na Reta yiwe, Timochenko,ubu naho inama nshingamateka yashinze umukuru w’igihugu mushasha w’imfatakibanza. Abantu rero ubu baribaza kazoza k’ico gihugu ingene kagiye kugenda.

Iminsi ibiri niyo ihueze hahindutse ibitari bike muri poritike mu gihugu ca Ukraine. Umukuru w’igihugu Viktor lanoukovitch yarakombowe n’inama nshingamateka ku wa gatandatu yongera irekura umwe bahora batavuga rumwe nawe: Ioulia Timochenko. Ivyo rero bikaba vaytumye mu mabarabara yo ku murwa mukuru Kiev agahengwe gasubiye kugaruka.

Inama nshingamateka yo ngaho muri Ukraine ikaba yaciye ishiraho umukuru w’igihugu w’imfatakibanza, Olexandre Tourtchinov aho ategerezwa guca ashinga Reta nshasha guhera kuri uno wa kabiri. Inama nshingamateka yaciye yongera ishinga ko kw’ igenekerezo rya 25 Rusama bokora amatora y’umukuru w’igihugu.

Intureka zari zimaze amezi atatu, zimaze guhitana abantu 80 mu ndwi irangiye, ubu iyo ntureka ikaba isa niyahagaze. Muri kino gihe, abaenshi baribaza kazoza k’ico gihugu kirimwo imiriyoni 46 z’abanyagihugu basa n’abiciye imice. Bamwe bashigikiye ko igihugu ca Ukraine kiguma gicuditse n’Uburusiya abandi bakipfuza kw’igihugu co cudika n’umuryango w’ibihugu vya Buraya.

Ubumwe bw’ico gihugu busa n’ubangami. Ibintu bidindiye, Ukraine gishobora kwicamwo kubiri, igice co mu Buseruko n’ikindi gice co mu Burengero . Mu gihe bibaza ko bashobora kugabura igihugu mwo kubiri hakaba impande zibiri, Reta Zunzubumwe z’Amerika, Ubwongereza hamwe na Uburusiya zasavye abenegihugu bo muri Ukraine kubumbatira ubumwe bwabo kuko kwigaburamwo imice ata na kimwe vyobamarira .


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.