Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Abacunga amashamba ishavu riraniga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abacunga amashamba ishavu riraniga

Kenya : Abacunga amashamba ishavu riraniga

vendredi 20 Ntwarante 2015

Abajejwe gucungera amashamba mu gihugu ca Kenya ishavu riraniga, inyuma y’aho umugabo yari yafatanywe amanyo y’inzovu yarekuwe.

Uwo mugabo azwi kw’izina rya Feisal Mohamed Ali yari yafashwe n’igiporisi mpuzamakungu mu gihugu ca Tanzaniya, aho yari yafatanywe amenyo agera kuri 314 y’inzovu. Ubutungane bwo muri ico gihugu ca Kenya, bwari bwanse kurekura uwo mugabo mu kwezi kwa Nzero uwu mwaka, ubutungane bukaba bwamwagiriza ko uguhungira mu gihugu ca Tanzaniya, mu kwezi kwa Kigarama, kandi yari afise umutahe wamurondera, vyerekana ko yashaka guhunga ubutungane.

Amenyo y’inzovu rero agera ku matoni abiri, ni ukuvuga afise agaciro k’amadolare imiriyoni zine n’ibice bibiri y’Amerika ku masoko yo mu kinyegero, niyo yafashwe n’igiporisi co mu gihugu ca Kenya. Naho uwo mugabo yarekuwe yari yasabwe gutanga amafaranga y’ingwati angana n’ibihumbi 100 vy’amafaranga y’abanyaburaya, abasanzwe bacungera amashamba bo, ishavu rikaba riniga, kuko babona ko abashora ibihimba vy’ibikoko mu mpisho, bari bakwiye guhanwa bimwe vy’akarorero.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.