Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Abagabo babiri bemeje amasezerano yo gusangira umugore (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kenya : Abagabo babiri bemeje amasezerano yo gusangira umugore (...)

Kenya : Abagabo babiri bemeje amasezerano yo gusangira umugore umwe

lundi 26 Myandagaro 2013

Inyuma yo kumenya ko basanzwe basangira umugore umwe ariko batabizi bikaza gutuma barwana, abagabo babiri bakomoka ahitwa Kisimani muri Kisauni mu gisagara ca Mombasa bahisemwo kwemeza amasezerano yanditse yo kuza barasangirira uwo mugore.

Ivyo vyabaye mu ndwi iheze, aho abo bagabo basanze bamaze imyaka ibiri basangiye umugore umwe batabizi nk’uko ikinyamakuru The Nation kibimenyesha.
Uwujejwe umutekano (Community Policing) muri ako karere, Adhalah Abdulrahman yavuze ko yamenye ivy’abo bagabo inyuma yo kubumva barwana.

Ati”Numvise abantu barwana nja kuraba, ntangazwa no kubona abagabo babiri bariko bararwana bapfa umugore bivugwa ko ari umupfakazi afise abana babiri. Nagerageje gutorera inyishu ico kibazo ariko baranka. Umwe wese yavuga ko adashobora kubaho adafise uwo mugore.”

Uwo mugore nawe abajijwe uwo ahisemwo yishuye ati : “Sinshobora kubaho ntabafise bompi.” Ivyo rero vyaciye bituma biyemeza kubana nawe.

Abdulrahman avuga ko bemeje kuzubahana, bemeranya uko bazoza barakuranwa muri urwo rugo kandi ko uwo mugore niyavyara umwana bazoza barashanya kumurera.

Umugore yahisemwo ko umugabo umwe muri abo babiri azoza aramara iminsi itatu ku ndwi, iheze akabisa uwundi, ariko ko umunsi w’indwi ari uw’akaruhuko, ko bazomureka yigire gusenga.

JPEG - 40.8 ko
Sylvester Mwendwa, umwe muri abo bagabo babiri bemeje amasezerano yo gusangira umugore

IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.