Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Abagabo basabwe kutarangurana amabanga n’abagore babo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abagabo basabwe kutarangurana amabanga n’abagore babo

Kenya : Abagabo basabwe kutarangurana amabanga n’abagore babo

jeudi 13 Munyonyo 2014

Ishirahamwe riharanbira agateka k’abagabo muri kenya "Maendeleo ya wanaume" ryasavye abagabo bo mu gihugu cose kutaryamana n’abagore babo.

Iryo shirahamwe rero riharanira agateka k’abagabo aho muri ico gihugu rikaba rivuga ko agateka k’abagabo kaguma gahonyangwa mu ntumbero yo gushira abagore imbere. Mu gihe abo bagabo bamenyesha ko uyu munsi ari uwo guharanira agateka kabo, basaba abagabo bose, kutarangura amabanga y’abubatse n’abagore babo, mu gihe baza kuba bariko barahimbaza uwu munsi.

Mukamenya ko amwe mu bagabo bavuga ko bafise amagorwa mu ngo, abandi barakubaurwa, abandi bakirukanwa canke bakimwa imfungurwa, eka hakaba n’abavuga ko bataba bagikika urubavu hamwe n’abakenyezi babo. Ivyo vyose, abagabo bahurikiye muri iryo shirahamwe bakavuga ko batumvirizwa, ariko hakama hashirwa imbere amabi akorerwa abagore gusa.


Aristide Nizigire

Messages

  • No mu Burundi abagabo ntibumvirizwa kumwe n’abagore,kandi ayo mabi abo bagabo b’aba nya Kenya bagirirwa n’abagore be n’amategeko,abagabo bamwe b’i Burundi barageramiwe nayo.Ahubwoabagabomwesenimwifatanyenaboba Kenya uno musi,yamara abarundi baragoye nibo bashinga amategeko yogucinyiz abagabo nkabo kandi barawukunda caane!

  • Abagabo mu burundi sinko muri kenya kuko canecane nk’abagore b’abarimyi bobo nta jambo bafise nkiyo abagabo biviriye mukabarre bashika babakangagura kandi nogukora bataba bajanye,muri birakomeye pe ariko mu burundi ntiharagera

  • BACUMUGANI NGO UWUTARABUROGWA, AVUGANGO NOBUNYA.kuwo bitarashikira biroroshe kuvuga NABAGABO BOMUBURUNDI TWASHIKIRIWE AMATEGEKO AHARI ASHIGIKIRA CANE ABAGORE ABAGABO BAMWEBAMWE BARAGOWE. KUKO BAMWE BASIGAYE BAHUKANIRA MUGITANDA CANKE MUNZU KUKWANKA GUTAKAZA AGACIRO AGAPFANINTUNU UMUGORE UMUBONA NGAHO .WAHAME IGIHANO. nongahiwacu muburundi. harakwiye kuza iryoshirahamwe tukaryitura mubijanye nimibano yingo

  • Jewe.Icombona Nuko Hoba Umwumvikano Hagati Yabagabo Nabagore Kuko Tuzi Neza Ko Atamwana Nikinono Abagabo.Bagakunda Abagore Babo.Nabagore.Nabo.Bakubaha Abagabo Babo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.