Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Abahitanywe n’igitero ’i Nairobi bageze kuri 59 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Abahitanywe n’igitero ’i Nairobi bageze kuri 59

Kenya: Abahitanywe n’igitero ’i Nairobi bageze kuri 59

dimanche 22 Nyakanga 2013

Umushikiranganji w’umutekano n’intwaro mu gihugu hagati, Joseph Ole Lenku, yavuze ko abafise ibirwanisho bari hagati ya cumi na cumi na batanu bagifashe ingwati abantu muri iyo nyubakwa.

Avuga ko abantu barenga igihumbi bashoboye gutabarwa.Igitigiri c’abakiri muri iyo nyubakwa ntikizwi neza, baba abafashwe ingwati canke abacinyegeje. Uruhagarara rwatanguye kuva ejo aho abo mu murwi wa Al-shabaab batereye mur’iyo nyubakwa ya Westgate.

Will Ross umumenyeshamakuru wa BBC avuga ko abajejwe umutekano baturuka muri Israel bari mur’iyo nyubakwa. Humvikanye urwamo rw’amasasu, za kajugujugu ziguma zizunguruka hejuru, kandi hagiye n’abasirikare benshi mur’ico kibanza.

Will Ross ari muri ico kibanza, avuga ko bigoye ko abasirikare bashoka bahatera kuko hakirimwo abantu benshi. Umurwi wa Al-shabaab wamenyesheje ko wagize ico gitero mu kwihorera kubw’abasirikare ba Kenya bagiye muri Somaliya.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.