Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Abantu 147 bapfiriye muri kaminuza y’i Garissa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abantu 147 bapfiriye muri kaminuza y’i Garissa

Kenya : Abantu 147 bapfiriye muri kaminuza y’i Garissa

vendredi 3 Ndamukiza 2015

Igitigiri c’abishwe muri kaminuza ya Garissa mu gihugu ca Kenya kiguma ciyongera, aho bivugwa ko abanyeshure bagera kw’147 aribo bahasize ubuzima, mu gitero cagizwe n’abihevye ba al shabab.

Amasaha agera kuri 16 intagondwa za al shabab ziriko zirarasa muri iyo kaminuza, zikaba zafashe impiri abantu batari bake, bamwe bagandagurwa bunyamaswa, abandi nabo barakomereka, aho bivugwa ko indwi bababaye cane aho bariko baravurizwa mu bitaro. Iyo kaminuza isanzwe iri ku birometero 150 vy’urubibe rwa Somaliya na Kenya, higa abanyeshure 815, abatari bake bakaba bari basanzwe baba mu bigo vy’iyo kaminuza.

Mukamenye ko Reta ya Kenya kuri uyu wa kane yavuga ko hapfuye abantu babiri gusa, mu basanzwe bajejwe umutekano w’ubwinjiriro bw’iyo kaminuza. Kuva aho igihugu ca Kenya gitanguriye gufashanya n’ibindi bihugu vya Afrika mu kurwanya iterabwoba mu gihugu ca Somaliya, ico gihugu kikaba kimaze kugirwako ibitero akatari gake n’izo nkozi z’ikibi, kandi ivyo bitero bigahitana abantu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.