Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Abantu 6 bagandaguwe mu gitero c’abitwaje ibirwanisho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Abantu 6 bagandaguwe mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

Kenya: Abantu 6 bagandaguwe mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

mercredi 12 Ruheshi 2013

Abantu batandatu harimwo abana bari bavuye kw’ishure nibo bahitanywe n’igitero c’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekanye, igitero cabereye mu karere ko mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya buhana urubibe na Somalia, amakuru yemejwe vyamenyeshejwe n’igipolisi kuri uyu wa gatatu.

Iryo bara rikaba ryaguye mw’ijoro ryo kuwa kabiri mu nyubakwa Mandera, aho hama harangwa umutekano muke mu karere kitwa Takaba nk’uko bimenyesha na Yozefu Tenai, uwutwara igipolisi muri ako karere.

Abacitse kw’icumu bavuze ko bari batewe n’abagabo bafise ibirwanisho baje bava mw’ishamba, aho baciye batangura kurasa amasasu y’urutavanako.

Uwo mukuru w’igipolisi amenyesha ko abantu bane aribo bamenyekanye ko babuze irengero ryabo kuva ku musi wa kabiri, aho n’ibindi biziga vyatowe ku musi wa gatatu.

Mwokwibuka ko uturere two muri Kenya duhana urubibe na Somalia nka Mandera bwama bukorerwamwo ibitero kuko harangwa umutekano muke.

Kuva aho igihugu ca Kenya carungitse mu mpera z’umwaka wa 2011 igisoda cabo gukurikirana intagondwa z’aba islamu Alshabab mu bumanuko bwa Somalia, inzego z’umutekano, ububare n’uburiro bari bagabishijwe ko izo ntagondwa zizotera ivyo bibanza.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.