Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Abantu 650 bafashwe inyuma y’igitero cabereye i Nairobi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abantu 650 bafashwe inyuma y’igitero cabereye i Nairobi

Kenya : Abantu 650 bafashwe inyuma y’igitero cabereye i Nairobi

mercredi 2 Ndamukiza 2014

Igiporisi co mu gihugu ca Kenya cafashe abantu bagera ku 650 mu masaha 24, bagirizwa kuba bari inyuma y’ibitero bitatu vyabereye ica rimwe mw’ikaratiye nini y’aba Somariya baba i Nairobi, bihitana abantu batandatu n’abarenga 30 bakomeretse.

Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Joseph Ole Lenku, mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa kabiri wa 1 Ndamukiza, abantu 657 nibo bafashwe bakekwa kuba bari inyuma y’ibitero vyabereye mw’ikaratiye y’aba somariya iri i Nairobi.
Igiporisi co muri Kenya kimenyesha ko cafashe abo bantu kugira bagirweko amatohoza, abo icaha gihava cagira bahanwe n’amategeko.
Icatumye abo bantu 657 bafatwa, akaba ari uko bakekwa kuba bari inyuma y’igitero cabaye ku munsi wa mbere wa 31 Ntwarante 2014, igitero cagana uburiro bubiri, hamwe n’ibitaro biri muri karatiye irwiriyemwo aba somariya y’i Eastleigh, izwi na benshi kw’izina rya "Petit Mogascio."

Ivyo bitero bitatu bikaba vyabaye inyuma y’igitero cakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho barashe mu rushengero ruri hafi ya Mombassa, karatiye irwiriyemwo aba islamu.
Inyuma y’ivyo bitero vyabereye i Eastleigh, Reta ya Kenya ikaba yaciye isaba impunzi zose ziri ku butaka bwayo kuka ziraja muri imwe mu makambi abiri yegeranirijwemwo impunzi nyinshi ku mvo zitatomowe z’umutekano.
Naho Reta ya Kenya yoba yashatse ko impunzi zose zegerenirizwa hamwe, abari mu mashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu, hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bo ntibabishimye.

Tubibutse ko igihugu ca Kenya kimaze guterwa n’imirwi y’intagondwa zitwaje ibirwanisho itari mike kuva mu mwaka w’2011. Kimwe mu bitero bikomeye vyagirizwa iyo mirwi yegukira Shebab, akaba ari igitero co muri Nyakanga 2013 cabereye mu kaguriro ka Westgate i Nayirobi. Ico gitero kikaba cahitanye abantu bagera kuri 67.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.