Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Abantu 9 bishwe mu gitero i Garisa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Abantu 9 bishwe mu gitero i Garisa

Kenya: Abantu 9 bishwe mu gitero i Garisa

samedi 20 Ndamukiza 2013

Abantu nibura umunani baraye bishwe mu gitero cagizwe n’umugwi w’abantu bitwaje ibigwanisho mu gisagara ca Garisa mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya.

Ababibonye bavuga ko abateye barondera ihoteli iri muri ico gisagara imbere y’uko baca batungwa n’ayo bameze. Abantu batanu bakomeretse bajanywe mu bitaro, nk’uko bimenyeshwa na Croix Rouge yo muri Kenya.

Kenya imaze kugirwako ibitero bwinshi kuva aho ico gihugu kirungikiye abasirikare mu bumanuko bwa Somalia kurwanya abo mu muhari Al Shabab mu w’2011.
Abapolisi bemeje ko hariko haraba igikorwa co guhiga abakoze ico gitero. Ico gisagara si ubwa mbere giterwa. Mu kwezi kwa mbere abantu bitwaje ibigwanisho bararashe hapfa abantu batanu.

Mu kwa cumi abantu bafise inkoho bararashe bica umupolisi uwundi arakomereka aho nyene Garisa. Mu kwa cumi na rimwe abasirikare batatu ba Kenya n’abapolisi babiri barishwe aho nyene.

Ivyo bitero vyose vyagiye birashirwa ku gatwe ka al-Shabab.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.