Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Abantu bane barishwe mu gitero c’abihevyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abantu bane barishwe mu gitero c’abihevyi

Kenya : Abantu bane barishwe mu gitero c’abihevyi

samedi 17 Myandagaro 2013

Abantu bane nibo bishwe mu gihugu ca Kenya mw’ijoro ryo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 17 Myandagaro bivuye ku gitero c’abahivyi bo muri Al Shabab, aho batera ikirindiro c’abapolisi mu buseruko bwa Kenya, nk’uko bimenyeshwa n’umuryango utabara imbabare croix rouge wo ngaho mu gihugu ca Kenya.

Abo bihevyi bateye ikirindiro c’igipolisi mu karere k’i Garisa bari bafise ibirwanisho vyinshi aho batera ikirindiro c’igipolisi c’i Galmagala. Umupolisi umwe niwe yitavye Imana, nk’uko bimenyeshwa n’ikigo c’itororokanirizo ry’amakuru kumenyeshamakuru AFP hamwe n’umwe mu bategetsi bo mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.
Ako gace katewe kari kari ku birometero bigera kuri 50 ku rubibe rwa Somaliya.

Uwo mutegetsi nyene wo mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagti mu gihugu akaba yavuze ko hashobora kuba hariho n’abandi boba batakarije ubuzima muri ico gitero mugabo ntibashimye gutanga igitigiri ubwo nyene.

Kubw’amakuru ava mu bapolisi ngaho i Garissa, abantu bane nibo boba barapfuye harimwo umupolisi umwe.
Umuryango utabara imbabare wo mu gihugu ca Kenya nawo nyene wamenyesheje ko hitavye Imana abantu bane bakamenyesha ko bajanye umuntu umwe kwa muganga aho yari aremvye aca ajanwa i Garissa. Abantu bashika kw’iijana bakaba bataye izabo berekeza mw’ishamba, aho bamazeyo ijoro rimwe batinya ikindi gitero.

Uburere bwo muri Kenya buri ku birometero 700 ku rubibe rwa Somaliya nk’akarorero akarere k’i Mandera hamwe n’uturere Wajir hamwe na Garissa, utwo turere uko ari 3 turafise ubwoba ko dushobora guterwa umusi uwo ariwo wose mu gihe abo bihevyi bakunda gutera ibirindiro vy’abapolisi hamwe n’uburiro n’amahoteri.

Ivyo bitero bikaba bishirwa ku gatwe k’abihevyi bo muri Al Shabab bo muri Somaliya, aho igisoda ca Kenya kirwanya abo bihevyi kuva mu mwaka w’2011 mu bumanuko bwa Somaliya.

Mu kwezi kwa Rusama, umupolisi umwe yarishwe, abandi benshi barakomereka mu gitero cagiriwe ikirindiro c’abapolisi b‘i Mandera. Abantu 10 kandi nibo bishwe mu bitero bibiri vyakozwe ku mahoteri abiri nyene i Garissa mu kwezi kwa Nzero na Ndamukiza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.