Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Abanyagihugu basaba gukingirwa bidasanzwe ibitero vy’abihevyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abanyagihugu basaba gukingirwa bidasanzwe ibitero vy’abihevyi

Kenya : Abanyagihugu basaba gukingirwa bidasanzwe ibitero vy’abihevyi

mardi 7 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Inyuma y’ubwicanyi bwakorewe b’abanyeshure bo kuri kaminuza y’i Garissa muri Kenya, abanyagihugu bahamagariwe kugira imyiyerekano kuri uno wa kabiri.

Iyo myiyerekano bakaba bayiteguye mu ntumbero yo gusaba abategetsi b’igihugu ca Kenya ko bobakingira bikomeye ibitero vy’abo bihevyi b’abashebabu. Ico gikorwa kikaba kibaye umunsi umwe inyuma y’aho igisirikare c’aho muri Kenya giteye ibisasu bikomeye ku makambi arimwo abashababu.

Inyuma y’iyo myiyerekano yabereye i Nairobi iteguwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hakaba hategekanijwe amasengesho yo kurara barasabira abantu 148 bahitanywe n’ico gitero c’abihevyi.

Ariko rero, n’aho abanyagihugu bidoze bavuga ko abashinzwe umutekano batanyarutse gutabara, Reta yarahakanye ivyo birego, mbere muri Reta bakavuga ko ugutabara kw’abajejwe umutekano kwatumye ibintu bitayangara, nk’uko bishikirizwa na Manoah Espisu, umuvugizi w’umukuru w’igihugu ca Kenya.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.