Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya:Abarwaye mu mutwe batorotse ibitaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya:Abarwaye mu mutwe batorotse ibitaro

Kenya:Abarwaye mu mutwe batorotse ibitaro

lundi 13 Rusama 2013

Abantu 40 barwaye mu mutwe batorotse ibitaro vy’abarwaye mu mutwe vy’ahitwa Mathari, i Nairobi ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya, inyuma y’aho abacungera ibitaro bananiriwe no kubatangira.

Ubu abo barwayi bariko bararonderwa iyo bagiye mu gihe bamwe muri bo bazwi ko bagwana, nk’uko igipolisi cabibwiye abamenyeshamakuru ba BBC.

Ikinyamakuru co muri Kenya Standard canditse ko abo barwayi batorotse ivyo bitaro vya Leta inyuma yo kwidoga ko imiti bahabwa ataco yabamarira.
Mathari nivyo bitaro binini cane vy’abarwaye mu mutwe muri Kenya.

Mu mwaka w’2011, imigwi y’abaharanira ageteka ka zina muntu barasavye ko hoba amatohoza kuko vyavugwa ko hari ugufata abantu nabi muri ivyo bitaro inyuma y’ikiganiro cari caciye kuri CNN citwa ’’Locked up and Forgotten’’ bisigura ngo “Barugaranywe kandi baribagiwe”.

Abamenyeshamakuru ba CNN bavuze ko babonye ikiziga cugaraniwe hamwe n’umurwayi mu cumba ca wenyene.

Umwe mu bakuru b’igipolisi muri Kenya Moses Ombati yamenyesheje ko abo barwayi bagumutse mu nyuma bakarusha inguvu abacungera ibitaro gutyo babona gutoroka.
Ibitaro vyamenyesheje igipolisi kuwa mungu ko abo barwayi batorotse.
Igipolisi cemeza ko gifise ibiranga vyose abo barwaye mu mutwe, ko bitazogorana kubatora.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.