Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Ahmed Issack Hassan " Guhindura ivyavuye mu matora ntibishobora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Ahmed Issack Hassan " Guhindura ivyavuye mu matora ntibishobora (...)

Kenya: Ahmed Issack Hassan " Guhindura ivyavuye mu matora ntibishobora kubaho"

vendredi 8 Ntwarante 2013

Mu vyo yashikirije ikigo c’igihugu kijejwe guharura amajwi, Ahmed Issack Hassan, yavuze ko kubera uburyo bw’ugusuzuma bukomeye buhari, ngo nta buryo bw’ukurondera guhindura ivyavuye mu matora bushobora kuhaba.

Ivyo Ahmed Issack Hassan, ayoboye urwego rujejwe amatora mu gihugu ca Kenya, yabitangaje ejo ku musi wa kane inyuma yuko icegera ca Raila Odinga ahiganirwa amabanga y’umukuru w’igihugu, atangaje kw’igikorwa c’uguharura amajwi cotegerezwa guhagarikwa.

JPEG - 22.4 ko

Kalonzo Musyoka yavuzeko ubusuma buriko buraba.

Hassan yatangaje kw’urwego rujejwe amatora, mu gihugu ca Kenya ,rudashobora guhagarika igikorwa c’uguharura amajwi.

Yamenyesheje uwariwe wese afise ibibazo ku vyavuye mu matora, ashobora gukoresha uburyo bw’amategeko, bwategakanijwe n’ibwirizwa nshingiro rishasha ry’igihugu ca Kenya.

Muri ico gihe, abacamanza, muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, barigijeyo urubanza rwa Uhuru Kenyatta ari imbere ya Raila Odinga, mu majwi amaze guharurwa mu matora y’umukuru w’igihugu, muri Kenya.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, yatangaje ejo ku musi wa kane, kw’urubanza rwa Kenyatta, rwari rutegekanijwe gutangura, kw’italiki cumi n’imwe z’ukwezi kwa kane rwigijweyo gushika kw’italiki icenda z’ukwezi kw’indwi.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.