Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Amategeko aremereye yafatiwe abamenyeshamakuru n’abanyamahanga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Kenya : Amategeko aremereye yafatiwe abamenyeshamakuru n’abanyamahanga

Kenya : Amategeko aremereye yafatiwe abamenyeshamakuru n’abanyamahanga

vendredi 12 Kigarama 2014

Abategetsi b’igihugu ca Kenya bariko barashiraho amategeko ahasha mu gucungera bimwe bishimishije umutekano. Iyo ngingo ije mu gihe hamaze iminsi haba ibitero bikunda kugirwa n’abihevyi Al Shebab baturuka mu gihugu ca Somaliya.

JPEG - 311.5 ko
Umukuru w’igihugu wa Kenya Uhuru Kenyatta

Nk’uko tubishikirizwa n’ikinyamakuru co muri ico gihigu AFP, zimwe mu ngingo zafashwe zivuga ko hongerejwe umwanya wo gusuzuma ingezi ziba ziketswe kuba ziri mu mirwi y’iterabwoba. Iminsi y’isuzumwa yavuye kuri mirongo icenda ija ku minsi amajana atatu na mirongo itandatu (90-360). Ibihano navyo vyo gufungwa birongerwako, n’uburyo bwo gucungera itumatumanako amakuru buracungerwa cane. Hakaba hiyongeyeko kandi itegeko rigabanya impunzi zahora zihabwa ubuhungiro muri ico gihugu, ibitigiri vyahora ku bihumbi amajana atandatu n’indwi vy’abantu vyashizwe ku bantu ibihumbi ijana na mirongo itanu gusa ( 607 000- 150 000). Kuri izo ngingo zose, bashinze n’amategeko ahana abamenyeshamakuru bazorondera inkuru ku mirwi y’iterabwoba. Abo bazohanishwa umunyororo ugera ku myaka itatu (3 ans). Ibimenyeshamakuru n’imigambwe itavugarumwe na Reta babona ko izo ngingo ziremereye cane.

Mwomenya ko Reta ya Kenya iri muyabira kubw’igitero cagizwe n’umurwi w’iterabwoba Al-Shebab ku nzu y’ubudandaji Westgate mu gisagara hagati ca Nairobi mu kwezi kwa Nyakanga mu 2013. Ico gitero nyene catumye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’umukuru w’igiporisi muri ico gihugu bakomborwa kubw’abantu bishwe n’uyo murwi nyene wa Al shebab mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya .

JPEG - 113.2 ko
Igisirikare ca Kenya

Audace Nizigiyimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.