Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Amavunja arabangamiye abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Amavunja arabangamiye abanyagihugu

Kenya : Amavunja arabangamiye abanyagihugu

vendredi 26 Mukakaro 2013

Indwara y’amavunja naho iriko iragabanuka ugereranije no mu kinjana giheze muri Afrika y’Ubuseruko, mu gihugu ca Kenya ho iyo ndwara iracariho. Muri iki gihe rero abanyagihugu bavuga ko Leta yoba ishaka gushiraho itegeko rihana abarwaye iyo ndwaara naho ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bubihakana bwivuye inyuma ko atandwara yovamwo icaha.

Indwara y’amavunja iterwa n’ubukene nk’uko bivurwa na bamwe, ariko kandi indwara y’amavunja izanwa n’ukudakubura mu mazu yabo, maze agakoko kitwa imbaragasa kagaca kanyegera umuntu ku mubiri. Imvunja rero iyo zakwiriye ku birenge ziraja no muntoke ndetse ugasanga zahevye ziraduga no mu nkokora z’amaguru canke z’amaboko. Kuberako iyo ndwara yasinzikaje bamwe mu banyagihugu bo mu gihugu ca Kenya, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwafashe ingingo yo gutangura amatohoza ku banyagihugu bose bafise iyo ndwara ndetse n’imvo ziyitera. Muganga Kepha Ombacho avuga ko isuku rikwiye kwitabwaho cane n’abanyagihugu bo mu gihugu ca Kenya mu ntumbero yo kurwanya iyo ndwara y’amavunja.

Abarongoye uduce tumwe tumwe two mu gihigu ca Kenya nka Monyo na Murang’a baremeza ko iyo ndwara ibangamiye abanyagihugu, ariko bakavuga ko kandi iyo ndwara iterwa n’ubukene bwokora inzara bugata, burangwa muri ako gace. Abarongoye rero utwo duce, bavuga ko hagiye gufatwa ingingo ruhasha kugira batuze ico kiza c’amavunja, mu gihe bo bemeza ko uretse ubukene, harimwo n’umwanda n’ubunebwe bwa bamwe.

Muri ako gace rero, abanyagihugu bagera ku bihumbi 12000 biravurwa ko bafise iyo ndwara y’amavunj. Ingingo zo kuyituza rero ntizirumvikanwako mu gihe abarongozi b’utwo duce bumva hofatwa ingingo ruhasha kubazifise, bagatangishwa amahadabu, n’izindi ngingo zotuma abanyagihugu batinya kuzirekerako zikabasinzikaza. Ariko rero mu magara y’abantu bo si ukwo babibona kuko bavuga ko indwara idashobora kuvamwo icaha, iyo umuntu arwaye arivuza, ariko rero iyo ndwara ibaye akaranda, Leta niyo isigara ibazwa ico kibazo. Leta y’ico gihugu ikaba ytanguye guha ibirato abana bakiri bato, mu ntumbero yo kurwanya no gutuza ako karanda k’amavunja.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.