Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : amazina y’abakekwako gutera Westgate Mall yamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : amazina y’abakekwako gutera Westgate Mall yamenyekanye

Kenya : amazina y’abakekwako gutera Westgate Mall yamenyekanye

dimanche 6 Gitugutu 2013

Igisirikare ca Kenya cashize ahabona amazina y’abantu bane bakekwa kuba bari mu gitero c’abihevyi cabereye kuri Westgate Mall i Nairobi, kigahitana abantu baharurwa muri 67.

Ayo mazina yabo bagabo ni Abu Baara al-Sudani, Omar Nabhan, Khattab al-Kene na Umayr.
Nta zindi nsiguro zatanzwe kubiraba abo bagabo, ariko Kenya yigeze kumenyesha ko intagondwa ziri hagati ya 10 na 15 zari muri ico gitero.

Intagondwa zo mu murwi wa Al –Shabaab ziyemereye ko arizo zakoze ico gitero cabaye ku genekerezo rya 21 Nyakanga 2013.
Uwo murwi bivugwa ko ukorana n’uwundi murwi w’iterabwoba wa Al-Qaeda wavuze ko wakoze ico gitero kubera Kenya yarungitse abasirikare muri Somalia kuwurwanya.

Itangazwa ry’amazina y’abo bantu bane ribaye mu gihe amasanamu y’ivyuma ya bicunga umutekano yari amaze gushirwa ahagaragara yerekana abagabo bane bari muri ico gitero, bari bafise inkoho bariko bararasisha amasasu y’urutavanavanako.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.