Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Bamwe mu bagandaguriwe i Garissa bashinguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Bamwe mu bagandaguriwe i Garissa bashinguwe

Kenya : Bamwe mu bagandaguriwe i Garissa bashinguwe

vendredi 10 Ndamukiza 2015

Bamwe mu baherutse kurwa mu gitero mu gihugu ca Kenya bashinguranywe iteka mu gihugu ca Kenya.

Amasandugu agera kuri 20 akaba ariyo yari arindiriye gushirwamwo ibiziga vy’abahitanywe n’intagondwa z’umuhari wa al shabab, aho bari mu buruhukiro, muri bimwe mu bitaro vy’i Nairobi. Abatandukanye mu baburiye ababo muri ico gitero cabaye kuri uyu wa kabiri Ndamukiza, bakaba bari baje gutora ababo kugira baje kubashingurana iteka mu bibanza bitandukanye.

Umukuru w’igihugu ca Kenya Jomo Kenyatta akaba yari yandikiye imiryango yose yari yabuze ababo, aho mu butumwa yarungikiye umwe wese, yabasavye kwihangana, aca anagirako avuga ko igihugu kitazigera cibagira inzirakarengane zishwe n’abo bicanyi, ko kandi igihugu kitazigera kirekurira abo bakozi b’ikibi. Mukamenya ko mu myiyerekano yagizwe n’abanyeshure bo mu makaminuza atandukanye, basavye ko umutekano wocungerwa rwose, nayo ababuze ababo, Reta ikabaha inshumbusho, kuko abasoda batevye kuza gutabara.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.