Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Gariyamoshi yagize isanganya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Gariyamoshi yagize isanganya

Kenya : Gariyamoshi yagize isanganya

lundi 23 Kigarama 2013

Igari ya moshi yataye inzira ica irwa ahantu hasanzwe haba abantu benshi (bidonville), aho yaciye ku bantu 10 bakomeretse.

Abantu 10 nibo bariko baravurwa ku bitaro vy’igihugu ca Kenya, nk’uko vyavuzwe n’umwe mu muryango utabara imbabare Croix rouge yari aho habereye isanganya, aho akavuga ko batatu muribo bari bakomeretse buhorobuhoro mbere ko baciye bavanwa mu bitaro. Abasanzwe bajejwe kuzimya (pompiers) bavuga ko bakuye munsi y’iyo gariyamoshi abantu batari bake. Benshi muribo baza baritabariza badashobora kwikoma, ari naho baciye babatabariza. Gushika ku mugoroba wo ku munsi w’ejo, ibice vy’iyo gariyamoshi bikaba vyari bikiri mw’ibarabara.

Abari aho habereye isanganya bavuga ko Imana yakinze, kuko bari bazi ko iryo sanganya ata muntu ryari gusiga. "Ubwa mbere twaguma twibaza ko hari abaheze munsi y’iyo gariyamoshi biranka ko bavayo ,ariko uwo mutegetetsi wo mu muryango utabara imbabare "Croix rouge" amenyesha ko ata numwe bumvise yoba yazimiye.
Mercline Akelo asanzwe adandaza ifi impande y’ibarabara ry’indarayi ahabereye iryo sanganya avuga ko bagize Imana kuko iryo sanganya ritabaye abantu baryamye, kuko ibara ryari kurwa.

Ako gace kabereyemwo iryo sanganya gafise abantu 25000. Kubw’umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu Michael Kamau, Reta ya Kenya yama yagabishije abo banyagihugu ko atari vyiza kwubaka ku nkengera z’iryo barabara ry’indarayi, ariko babandanya bahubaka. Akaba abasaba rero kwimuka kuko batazoguma bitega amasanganya nk’ayo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.