Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Hari amatsiko y’ivyavuye mu matora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Hari amatsiko y’ivyavuye mu matora

Kenya: Hari amatsiko y’ivyavuye mu matora

jeudi 7 Ntwarante 2013

Muri Kenya ,ku mugoroba wo ku munsi wa mbere ntibari bwatangaze ivyavuye mu matora muri rusangi.Umugwi ujejwe amatora wari wamenyesheje kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 Ntwarante 2013 ko wotegerejwe gutangaza ivyavuye mu matora kuri uyu wa gatanu.Aho rero bigasabwa kwihangana.

Ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 6 Ntwarante,uwo mugwi ujejwe amatora wari watangaje ko ivyavuye mu matora babivuga ku mutaga,ariko siko vyabaye kuko ku mugoroba wo kuri uyo wa gatatu nyene,umukuru w’uwo mugwi ,Issak Hassan yaciye yemeza ko ivyavuye mu matora bizomenyekana kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 8 Ntwarante 2013 hakiri kare,birenze aho naho, bikamenyekana ku munsi wa mbere igenekerezo rya 11 Ntwarante 2013,nkuko amategeko avyemeza,agasaba kandi ko bosubira kwihangana.

Ubuhinga bushasha bwa kijambere bwo guharura amatora bakoresheje inyabwonko ntibwakunze,mu gihe bwari bwabatwaye uburyo bwinshi.Issak Hassan aremeza ko ubwo buhinga bushasha bwabataye kuwo amazi.Arongera gusaba abanya Kenya kwihangana cane.

Uburyo bwakera bahora bakoresha muguharura amajwi avuye mu matora, burateba kuko bakoresha abakozi bavuye mu mihingo yose bagahura bamwe bamwe bose aho bakoreye,maze ivyo bigatuma haba amakenga kubijanye n’ikiringo co guharurirako amajwi.

Ingorane ihari ubu,nuko hatanguye kwikekwa vyinshi kuri izo mpande zose,haba ku ruhande rwa Raila Odinga,haba ku ruhande rwa Uhuru Kenyatta,hakavugwa mbere ko n’ubusuma bw’amatora butanguye kwigaragaza.

Gushika ubu rero, nta mukuru w’igihugu aramutswa Kenya araboneka.Abanya Kenya nabo bakaba barindiranye igishika cinshi ivyavuye mu matora n’ubwo batewe ubwoba ko hohava hasubira kuba ivyabaye mu matora aheruka yo muri 2007 mu gihe izo mpande zibiri zitoje zitoshimishwa n’ibizoba vyavuye mu matora.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.