Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Ibiziga vy’abicanyi b’i Westgate biri mu minwe ya FBI - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Ibiziga vy’abicanyi b’i Westgate biri mu minwe ya FBI

Kenya : Ibiziga vy’abicanyi b’i Westgate biri mu minwe ya FBI

samedi 8 Ruhuhuma 2014

Igiporisi c’abanyamerika FBI camenyesheje igisirikare co muri Kenya ko ibiziga vy’abagizi ba nabi b’aba isiramu bagirizwa ubwicanyi bwabereye mu nyubakwa Westgate I Nairobi biri mu minwe yabo.

Mu kiganiro yari yagiriraniye n’abamenyeshamakuru kugira barabire hamwe ukungene bukurikirana igitero cabereye mu nyubakwa Westgate, umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto muri Kenya, Julius Karangi yamenyesheje ko ibiziga vy’abicanyi biri mu minwe ya FBI ahantu hatazwi.
Aho mukibuka ko akarwi k’abakomando b’aba isiramu kavurwa ko kari kagizwe n’abicanyi bane, kari kateye igenekerezo rya 21 Nyakanga inyubakwa y’akaguriro Westgate, kari gasanzwe kajamwo abanya Kenya basa n’abifise hamwe abanyamahanga. Ico gihe bakaba barashe abakiriya bari bajeho hamwe n’abadandaza bari ku mirimo yabo. Julius Karangi akavuga ko abo bicanyi bagiye gufatwa inyuma y’amasaha 48 bari mu nyubakwa Westgate. Abo bagizi ba nabi bane bakaba ari abanyasomariya bo mu murwi wa Shabab.

Mwokwibuka ko ico gitero cagirizwa aba shabab cahitanye abantu bagera kuri 68, n’abandi bakomeretse, inyuma yaho habanje gushirirwa inguvu hamwe z’abajejwe umutekano muri Kenya.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.