Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Igihugu kiratekanye inyuma y’intsinzi ya Kenyatta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Igihugu kiratekanye inyuma y’intsinzi ya Kenyatta

Kenya: Igihugu kiratekanye inyuma y’intsinzi ya Kenyatta

dimanche 10 Ntwarante 2013

Igihugu ca Kenya kiratekanye inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yatahukanywe na Uhuru Kenyatta,mu gihe hari ubwoba ko bishobora kuba nk’uko vyabaye inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka wa 2007.

Nk’uko amakuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP,ibinyamakuru vyo muri Kenya biri hamwe vyahamagariye umukuru w’igihugu mushasha kwubaka igihugu no gufuka adatevye ibiguma vy’igihugu gisa n’ikigabuyemwo kubiri bivuye ku macakubiri afatiye ku bwoko.

Ikinyamakuru le Sunday Nation,kivuga ko mw’ijambo ryiwe rya mbere yashikirije kuri uyu wa gatandatu inyuma y’intsinzi,Uhuru Kenyatta ryarerekanye ko ari intango nziza yo kurwanya amacakubiri afatiye ku bwoko.

Uhuru yavuze ati:«Twarerekanye ko twigiye vyinshi ku vyabaye inyuma y’amatora yo muri 2007 vyatumye abantu 1.300 bitaba Imana kandi tukaba twaravuze ngo"Ntibigasubire"»

Haraheze imyaka irenga itanu habaye indyane mu gihugu zadutse iminsi ibiri inyuma y’amatora yabaye igenekerezo rya 27 Kigarama 2007 bivuye kw’iharurwa ry’amajwi ryatevye.

Intambara zamaze indwi nyinshi,gushika aho hashirwaho Leta nfatakibanza irongowe na Raila Odinga,itwarwa n’umukuru w’igihugu Kibaki.

Mwomenya ko Raila Odinga atemera ko yatsinzwe ariko yavuze ko azokwitura inzego zibifitiye ubushobozi,ivyashimwe n’abatari bake bakurikiranira hafi ibibera muri Kenya.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.