Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Igisirikare cagirijwe gusagata Westgate - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Igisirikare cagirijwe gusagata Westgate

Kenya : Igisirikare cagirijwe gusagata Westgate

mardi 22 Gitugutu 2013

Inyuma yaho imwe mu mboneshakure yo mu gihugu ca Kenya yerekaniye amasanamu agaragaza abasirikare b’ico gihugu bariko barasahura mu nyubakwa y’ubudandaji ya Westgate, abanyagihugu bo muri Kenya, babajwe cane n’iyo nyifato yabari bajejwe gutabara.

Amasanamu yasohotse nayo ku makasete ya video, yerekana abasirikare b’ico gihugu bariko barasahura imwe mu maduka yari agize Westgaye, bamwe bikoreye udupfuko twera, abandi utumwanya. Ayandi masanamu akaba yerekanye abandi basirikare bafise inkoho, bariko barasahura, ahadandarizwa za terefone ngendanwa. Kuva imboneshakure Citezen TV yerekanye abariko barasahura bo mu nzego zishinzwe umutekano, abamenyeshamakuru bandi nabo bagatangura gusohora amavideo yerekana urwo rwego ruriko rurasahura ku mugaragaro, abarongoye urwego rushinzwe gucungera umutekano mu gihugu ca Kenya, bakaba babariye abamenyeshamakuru ko ibijanye n’iryo sagata bagiye kurikurikiranira hagufi, kandi ko uzokwagirwa n’icaha azohanwa bimwe bishimishije.

Ivyo rero bikaba vyashikirijwe inyuma yaho hari bamwe bavugiye ko ryoba ryari irementanya bariko baragirira urwo rwego rw’igisirikare. Kuva ico gihe rero, hakaba haciye haguma herekanwa amasanamu kugira ntihasubire kuba icitwazo. Abasirikare bari baroye gutabara abari muri iyo nyubakwa y’ubudandaji ya Westgate, boba kuva igenekerezo rya 21 Nyakanga inyuma y’umutaga, baciye baza barasahura, ndetse bakanagirizwa ko n’ububiko butamenwa (coffres-forts) bwoba bwarageragejwe kuraswa amasase meshi ariko biranka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.