Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Ikigandaro c’iminsi itatu catanguye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Ikigandaro c’iminsi itatu catanguye

Kenya : Ikigandaro c’iminsi itatu catanguye

mercredi 25 Nyakanga 2013

Umukuru w’igihugu ca Kenya yaramenyesheje ku mboneshakure y’igihugu ko igitero cari cabaye mu nzu y’inyubakwa badandarizamwo "Westgate" i Nairobi muri Kenya carangiye. Igitigiri ca nyuma c’abahasize ubuzima akaba ari abanyagihugu 61, abasirikare b’ igihugu 6 hamwe n’abihevyi 5. Cumi n’umwe bikekwa nabo barafashwe ku mvo z’amatohoza.

Inyuma y’imisi itatu yose izo nkozi z’ikibi zifatiye izo nyubakwa, igitero cahitanye abantu mu nzu y’ubudandaji Westgate Mall caraye kirangiye kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 25 Nyakanga ku mugoroba. Mw’ijambo ryashikirijwe n’umukuru w’igihugu, Uhuru Kenyatta ku mugoroba w’ejo kuwa kabiri, yamenyesheje ko inzego z’umutekano zashoboye kwigarurira iyo nyubakwa yari yatewe n’abihevyi kuva ku munsi wa gatangatu.

Kubw’umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta, ibitigiri vy’abaguye muri ivyo bitero biracari ivy’imfatakibanza kuko igihe hariko haraba ibitero, ibice bitatu vy’iyo gorofa vyarabomotse. Birashoboka rero ko hashobora kuba hari ibiziga vyoba bikiri munsi y’ibibomoke. "Twabamaramaje kandi twanabatsinze." ; vyamenyeshejwe na Uhuru Kenyatta, aho amenyesha ko amatohoza ariko arakorwa kugira barabe ko vy’ukuri muri abo bihevyi hoba harimwo abanyamerika hamwe n’uwuva mu gihugu c’Ubwongereza. "Ivyo bipfa mutima ndetse n’abafadikanije nabo bose hamwe n’abakuru babo aho bari hose bazorengutswa imbere y’ubutungane."

Inyuma yo kumenyesha ikigandaro c’imisi itatu guhera kuri uno musi wa gatatu, umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta akaba yasavye abanyagihugu gufatana mu nda muri ibi bihe bigoye."


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.